Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mugabe yagabishije ibinyamakuru bibandanya kumucapa ashaje gose
Mugabe yagabishije ibinyamakuru bibandanya kumucapa ashaje gose
jeudi 6 Ruhuhuma 2014
Mu gihe hasigaye amayinga atatu kugira umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe akwize imyaka 90 y’amavuko, umugambwe wiwe witeguriye kwegeranya amafaranga anagana n’umuriyoni w’amadolare y’Amerika kugira bashobore guhimbaza neza uwo munsi, ayo nayo bakavuga ko azova mu bakunzi b’umukuru w’igihugu cabo.
Mu gutegura uwo munsi bavuga ko uzoba udasanzwe, ishami ry’urwaruka rya Zanu-PF ry’umugambwe uvamwo umukuru w’igihugu, iryo shami rivuga ko rizokwegeranya amadolare anagana n’ibihumbi amajana indwi, azokoreshwa kuri uwo munsi mukuru w’ivuka rya Mugabe, rizoba kuri uyu 23 Ruhuhuma uyu mwaka, ahitwa Marondera.
Ku myaka 34 amaze ku butegetsi, Robert Mugabe avuga ko kuva aho Afrika iburiye Nelson Mandela, ubu ariwe yasumusubiriye. Ivyo akabivuga mu gihe abanyafrika benshi bavuga ko Madiba yari umuvyeyi wabo, ndetse n’icubahiro baha uyo mutama yarwanije intwaro karyanishamiryango mu gihugu ciwe c’Afrika y’Epfo, kikaba cari icubahiro uwariwe wese, yoha umuvyeyi yamwibarutse.

Mugabe rero akaba yihaniza bimwe mu binyamakuru vy’Afrika canke vy’ahandi bimutyoza ko asaziye ku butegetsi, mu kumucapa asa nabi canke ashaje cane. Amenyesha ko atariwe ashaje cane kuruta abandi mu bakuru b’ibihugu, kuko na Shimon Peres amuruta mu mavuko, aramutswa igihugu gikomeye nka Israel. Shimon Peres akaba aruta Mugabe amezi atandatu gusa, ariko akaba we yashitse ku butegetsi mu mwaka w’2007.
Robert Mugabe, akaba ndetse n’ubu amenyesha ko azitoza ikindi kiringo, mu gihe amatora yo mu mwaka w’2013 yayatsinze bigoranye. Avuga ko n’ayandi yo mu mwaka w’2018 kitazobuza ko ayatsinda.

Aristide Nizigire
Messages
6 Ruhuhuma 2014, 20:43, par Rita NAHIMANA
Ahubwo aritoza no muri 2023 mugabo uwu raho umengo iminsi iriko iramujana, ewe ico mwariye mubu president mwa president bo muri africa muri ningorane kweri ahubwo uraha umupfasoni wawe umengo niwe akiri muto sinon iyaba vyashoboka wotanze igiturire kumana igasubira ikakurema ukiri muto.
6 Ruhuhuma 2014, 22:32, par Tollo
Abanyagihugu barashonje nta miti nta mazi none ngo bazokoresha kariya kayabu ka madolali ewe mugabi uragisibije yarangiza ngo nayandi matora azokwitoza.abazimbabwe nabo kubaka amazu hano muri africa yepfo ubundi bakigira mubiyeri nabakobwa naho ivyo kwitaho igihugu cabo ntavyo rwose.
7 Ruhuhuma 2014, 04:37, par Mama
Kumbure natwe nk’Afrika kumbure twozokwandikisha ko kw’Isi yose ko aritwe twagize umu president atwaye imyaka myishi duhereye mumyaka ya 1900 Ariko ntakiryoha nkokuva kubutegetse abantu bakigushaka maze munyuma bagatangurakuvugango iyo president runaka yaguma kubutegetsi igihugu kibacarateyimbere cane mazenawe ahowibereye akamwemwenako kagakomeza kwiyongera muriwewe mumuryango nomugihugu cose.
7 Ruhuhuma 2014, 19:11, par KIRINYOTA
Agomba kurwa kukivi nka rwamadudu. Naje kuruhuka nyabuna. Gusaza ko arashaje naho yiha morale.
7 Ruhuhuma 2014, 21:07, par ibigoyemakungu
Huyu mutama Mugabe arashaje akwiye kuruhuka. Ibinyamakuru bimutyoza bimureke siwe musaza wenkinye. gusa aruhuke
8 Ruhuhuma 2014, 02:27, par SUNEBA
ibi nivyo Petero Nkurunziza agomba.