Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Muri 30 bari mu ndege ntawashoboye kurokoka
Muri 30 bari mu ndege ntawashoboye kurokoka
samedi 30 Munyonyo 2013
Umubabaro ni wose ku miryango y’abanyagihugu bari buyunguruje bakoresheje indege yo mw’ishirahamwe LAM ryo mu gihugu ca Mozambike. Iyo ndege yari ifashe urugendo yerekeza mu gihugu ca Angola yatowe yose yahiye.

Ibisigarira vy’indege yo mu gihugu ca Mozambike yari igiye muri Angola vyatowe mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Namibiya. Mu bantu baharurwa muri mirongo itatu bo mu bihugu bitandukanye bari muri iyo ndege nta n’umwe yashoboye kurokora ubuzima, nk’uko amakuru ava mu giporisi abimenyesha.
Willie Bampton, arongoye igiporisi mu karere ka Okavango yamenyesheje umurwi w’abaporisi bagiye gutabara aho iyo ndege yakoroka igaca isha, bahasanze ibisigarira vyonyene, abari muriyo bose atawukiri muzima.
Mu giporisi bamenyesha ko babandanya kurondera ibiranga abo banyagihugu bari muri ndege kugira imiryango yabo ishobore kumenya aho yoronderera ibisigarira vy’abantu bayo baguye muri iryo sanganya.
Egide Nduwimana
Messages
30 Munyonyo 2013, 17:56, par cnd
Birababaje. Turabahojeje abo bene wacu. Ariko ndi n’ubwoba ko impanuka yabubiriye ntibaronka akanya ko kwiyegereza Uhoraho. Uhoraho abakire abari bitunganije. Nta kundi.