Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Museveni ategekanya gukura Uganda mu sentare mpuzamakungu mpanavyaha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Museveni ategekanya gukura Uganda mu sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Museveni ategekanya gukura Uganda mu sentare mpuzamakungu mpanavyaha

lundi 15 Ruhuhuma 2016, par egide

Umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, mu migambi ashikiriza azokora mu gihe yotorwa mu matora azoba kuri uwu wa kane, n’uko yokura igihugu ca Uganda muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Museveni yagiriza iyo sentare ko ihengamye.

Ku ncuro ya mbere kuva ari ku butegetsi mu mwaka w’2016, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu, umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni yaremeye kuja mu kiganiro ku mboneshakure ari kumwe n’abo bahiganwa mu matora, bakaba bariko baharira kuvyo umwe wese azokora mu bijanye n’umutekano w’igihugu hamwe n’imigenderanire ya Uganda n’ayandi makungu.

JPEG - 68.8 ko
Yoweri Kaguta Museveni, umukuru w’igihugu wa Uganda

Muri ico kiganiro, Yoweri Kaguta Museveni yagirije sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko ihengamye, kuko hari abategetsi benshi bategerezwa kuba barajanyweyo guciribwa imanza, ariko badakorwako, akavuga ko ata cizere agifitiye iyo sentare. Museveni ati : "Uganda itegerezwa kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, twari kuba twaramaze kuvayo."

Mu nama y’abakuru b’ibihugu yaheruka kubera i Addis Abeba, mu mpera z’ukwezi kwa Nzero, abakuru b’ibihugu vya Afrika bashigikiye iciyumviro ca Kenya c’uko Afrika yova muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ikaba yagirijwe n’abo bakuru b’ibihugu ko ibangamira indongozi za Afrika gusa.

Yoweri Kaguta Museveni akaba mbere yayagirije ko ifatwa nk’ikirwanisho amakungu akoresha mu kurwanya Afrika.


IGIHE

Messages

  • eka arashaka areke yarakoze ikibi azobibazwa ibintu vyarahindutse ubonye muri senegal ingene uwahora atwara mumnyaka iheze tchad ingene bamuzana kuburana kungumvu kubibi yakoreye abanyagihugu birababaje jewe nibaza umu president wese afise umutima nubwenge yobikuramwo icigwa akabona ko isi izunguruka, uwugize imana agapfa aba atomboye nayo ahandi warishe abantu amaraso y’abantu arahuma.

  • Icaha ntikinyegezwa nahom hatoba sentare mpuzamahanga izindi sentare zizocira imanza abicanyi batwara Afrika, kandi naho batozica bakazipfukapfuka, Imana yoyo izozibacira.

  • Nabonyene abategetsi b’Afrika bagira uwobaboneye, ndevye ukuntu bazembagije president wa Kenya kandi atasumvya kwikekwa gukoramabi nka Kagame wu Rwanda biraheba bikadusesema.

  • Nukwikingira kuko muziko muri abanyamafuti mushaka gukomeza murenganya abantu none igihe mwemera kwijaho ntimwabibona mwarimuziko itazokora akazi kayo kandi ntirenganya nkamwe none przida wa Kenya nicegera ciwe ntiyabarenganuye muga iyoyaba mwebwe muriko murapfungira abantu ubusa mubagiriza ko mutavugarumwe uwo mufashe mumwagiriza ikintu nakimwe ntabava muvyara mutamupfunze canke Ngo mumuzimanganirize ubuzima icc nikomere kumbure yoza irabadutabara

  • Nyamusaza yamaze guta ubwenge ntazi ivyavuga iyo sentare muzamumakungu ba shebuja nibo bamusize kubutegetse baraheza bamushira kubutegetsi none ubu bagomba bazomucira urubanza ko yemeye akica abantu biwe afise ubwenge none nguwo atanguye kuvuza amaruru nagumemo bamucire urubanza ahanwe kumabi yakoze mbe ko utemera kuba nka Blaise compaore we yanse kuba imbwa.Hakuba imbwa woba imva.Niyemere agume ariyo.Afashe Gaddafi aremeye ko bashebuja bamurya inyama ngo nibamwice kandi yamufasha vyinshi.Sinkawamuhungu wiwe aho hakurya genda afrika warababaye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.