Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nairobi: Abateye Westgate barahacururiza
Nairobi: Abateye Westgate barahacururiza
samedi 28 Nyakanga 2013
BBC yahawe amakuru n’abo mu nzego z’umutekano avuga ko mu ndwi z’imbere y’igitero kuri Westgate, abarwanyi bakoteshejemwo ikibanza co kudandaza.
Ibi vyatumye abarwanyi ba Al Shabaab bo muri Somaliya bashobora gushika kuri za ascensseurs, bashobora kurunda ibirwanisho n’amasase. Amakuru ava mu bajejwe umutekano yahawe BBC, avuga ko ukuntu abo barwanyi bahinduye ibirwanisho mw’ijoro ryo kuwa Gatandatu, bakoresha inkoho ziremereye igihe abasirikare basubirira abapolisi mu kubarwanya.

Kare, abakuru mu bajejwe umutekano muri Kenya batumweko n’umurwi w’inama nshingamateka uraba ibijanye n’umutekano, kugira bawitabe kuwa Mbere babazwe ibijanye n’igitero ca Westgate. Umukuru w’uwo murwi yavuze ko hageze kumenya abobibazwa n’amakosa yakozwe.
Nta bindi biziga
Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati Joseph Ole Lenku, yavuze ko ata kindi kiziga baratora muri iryo soko, ngo igitigiri c’abapfuye kiracari mirongo itandatu n’indwi, bagizwe n’abanyagihugu hamwe n’abajejwe umutekano. Abajejwe intwaro mu ntango baranavuze ko batanu mu bagavye igitero bishwe. Lenku kandi yagabishije yuko Kenya itazoterwa ubwoba n’amajambo ya al Shabaab ayisaba gukura abasirikare bayo muri Somalia.

Aristide Nizigire