Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nairobi : Umurwizatunga Jacob Juma yagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nairobi : Umurwizatunga Jacob Juma yagandaguwe

Nairobi : Umurwizatunga Jacob Juma yagandaguwe

vendredi 6 Rusama 2016, par egide

Umugwizatunga wo mu gihugu ca Kenya, Jacob Juma, yiciwe mu gisagara ca Nairobi arashwe.

Jacob ZUMA, umugwizatunga azwi cane mu gihugu ca Kenya, yishwe arashwe mu gisagara ca Nairobi.

Inkuru zivuga ko Jacob Juma yarashwe n’abantu bari kw’ipikipiki igihe yariko arataha muhira iwe i Kareen, nk’isaha zine z’ijoro kuri uwu wa kane. Abamuserutseko ubwa mbere basanze imodoka yiwe ifise intoboro cumi z’amasasu.

JPEG - 24.2 ko
Umurwizatunga Jacob Juma

Igiporisi ca Kenya kivuga ko abo barashe Jacob Juma ataco bamwivye mu muduga wiwe, nk’uko ikinyamakuru Daily Nation co muri Kenya kibivuga, iterefone ziwe zibiri n’amahera abajejwe umutekano bakaba babisanze muri iyo modoka.

Uwo yagandaguwe, Jacob Juma, yakora akazi ko kwimba amabuye y’agaciro. Yari umuyobozi mw’ikompanyi ya Erad, iyo nayo ikaba yitwariye Reta kubera itangwa ry’amasoko, akaba yasaba ko bomuriha imiriyoni 500 z’amashilingi ya Kenya.

Mu kwezi kwa Myandagaro 2015, yaritwariye umukuru w’igisagara ca Nairobi, Dr Evans Kidero, asaba ko amakonte yiwe ahagarikwa, avuga ko afise uruhara mw’ikoreshwa nabi ry’amahera y’ikompanyi ikora isukari ya Mumias Sugar.

Umurwizatunga Jacob Juma kandi yaritwariye umushikiranganji w’amasoko ntangaguvu n’ubutaka, Najib Balala, inyuma y’aho ishirahamwe ryiwe ryimba amabuye y’agaciro ryakiwe uburenganzira bwo gukora.

Jacob Juma yaritwariye mu myaka 10 iheze, nk’uko bivugwa nyene n’ikinyamakuru ca Daily Nation, umukobwa w’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Kenya, Daniel Arap Moi, kubera itongo rya hegitari 250.

Yaritwariye kandi incuro zibiri zose icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya, William Ruto.

Umugwizatunga Jacob Juma yahora yandika inkuru zituma haba impari nyinshi ku mbuga za internet, cane cane kuri Twitter muri Kenya


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.