Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nairobi : Umurwizatunga Jacob Juma yagandaguwe
Nairobi : Umurwizatunga Jacob Juma yagandaguwe
vendredi 6 Rusama 2016, par
Umugwizatunga wo mu gihugu ca Kenya, Jacob Juma, yiciwe mu gisagara ca Nairobi arashwe.
Jacob ZUMA, umugwizatunga azwi cane mu gihugu ca Kenya, yishwe arashwe mu gisagara ca Nairobi.
Inkuru zivuga ko Jacob Juma yarashwe n’abantu bari kw’ipikipiki igihe yariko arataha muhira iwe i Kareen, nk’isaha zine z’ijoro kuri uwu wa kane. Abamuserutseko ubwa mbere basanze imodoka yiwe ifise intoboro cumi z’amasasu.
- Umurwizatunga Jacob Juma
Igiporisi ca Kenya kivuga ko abo barashe Jacob Juma ataco bamwivye mu muduga wiwe, nk’uko ikinyamakuru Daily Nation co muri Kenya kibivuga, iterefone ziwe zibiri n’amahera abajejwe umutekano bakaba babisanze muri iyo modoka.
Uwo yagandaguwe, Jacob Juma, yakora akazi ko kwimba amabuye y’agaciro. Yari umuyobozi mw’ikompanyi ya Erad, iyo nayo ikaba yitwariye Reta kubera itangwa ry’amasoko, akaba yasaba ko bomuriha imiriyoni 500 z’amashilingi ya Kenya.
Mu kwezi kwa Myandagaro 2015, yaritwariye umukuru w’igisagara ca Nairobi, Dr Evans Kidero, asaba ko amakonte yiwe ahagarikwa, avuga ko afise uruhara mw’ikoreshwa nabi ry’amahera y’ikompanyi ikora isukari ya Mumias Sugar.
Umurwizatunga Jacob Juma kandi yaritwariye umushikiranganji w’amasoko ntangaguvu n’ubutaka, Najib Balala, inyuma y’aho ishirahamwe ryiwe ryimba amabuye y’agaciro ryakiwe uburenganzira bwo gukora.
Jacob Juma yaritwariye mu myaka 10 iheze, nk’uko bivugwa nyene n’ikinyamakuru ca Daily Nation, umukobwa w’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Kenya, Daniel Arap Moi, kubera itongo rya hegitari 250.
Yaritwariye kandi incuro zibiri zose icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya, William Ruto.
Umugwizatunga Jacob Juma yahora yandika inkuru zituma haba impari nyinshi ku mbuga za internet, cane cane kuri Twitter muri Kenya
IGIHE
Messages
6 Rusama 2016, 15:46, par maso
karabaye, imbonerakure zigeze muri kenya!
6 Rusama 2016, 15:57, par Ruduha
Imana imwakire yarizize.Yari amaze kwinyara mw’isunzu
6 Rusama 2016, 17:26, par nyanzira
nigwaradufise muri afrik uwomusangiyivyiyumvi kumacuniro nukonankurunziza yamazabarundi
6 Rusama 2016, 20:01, par NYISHU Orginal
Erega ONU nitwareyo abaja gucungera umutekano!! Iyo biba vyabereye mu BURUNDI,yari kuca isohora itangazo ngo "LETA YA NKURUNZIZA IRAMAZE ABANTU",gezaho,ahubwo:"AKARI MU MPENE NIKO KARI NO MU NTAMA".
6 Rusama 2016, 20:40, par MUYAHUDI
YACOMUTUKANA ABANTU MWANDIKA IVYIYUMVIRO NDABIHWEJ IMISIMYINSHI NNE NAMW MUTUKANA NTABWENG MUFIRE!
6 Rusama 2016, 23:10, par Turaje
Yishwe na Serwakira kagame amuhora amahera atishyuye kuri zahabu yaguze n’inkoramaraso kagame igihe M23/RDF yari yakamejeje muri kivu.
7 Rusama 2016, 07:41, par mashite Fer
yarumurambe mukwitwarira abategetsi. ahubwo yakomeyepe. umuryangowiwe niwigumye ntakundi
7 Rusama 2016, 07:41, par mashite Fer
yarumurambe mukwitwarira abategetsi. ahubwo yarakomeyepe. umuryangowiwe niwigumye ntakundi
9 Rusama 2016, 09:43, par NDC
Ubwo ntazize ko ari Umuhutu kuvyo mbona aho kw’ifoto. Nta kundi umuryango wiwe ndawuhojeje.