IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Niger : Boko Haram yagandaguye abantu 18

Niger : Boko Haram yagandaguye abantu 18

vendredi 27 Munyonyo 2015, par egide

Abajejwe umutekano muri Niger bamenyesha ko abarwanyi ba Boko Haram bateye agace ka Diffa, barasa abantu, abagera kuri 18 bahasiga ubuzima, inzu zigera kw’ijana nazo ziraturirwa.

Ico gitero ca Boko Haram cabaye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 26 Munyonyo 2015, abo barwanyi bakaba bateye agace ka Gogone, gaherereye mu maja epfo y’ubuseruko bwa Niger. Muri ako gace, abo barwanyi barashe urudavagi rw’amasasu mu banyagihugu, batabanje gusobanura.

N’aho abasirikare ba Niger bihutiye gutabara, basanze abantu bagera kuri 18 bamaze gupfa, muri abo bishwe batatu muribo bakaba bakerewe amazosi. Abagera kuri 11 nabo barakomeretse, inzu zigera kw’ijana nazo ziraturirwa.

Abo barwanyi ba Boko Haram baciye bahunga baciye mu mwonga wa Komadougou, binjira muri Nigeria. Inzego z’umutekano zafashe ingingo z’ugukomeza umutekano muri ako gace.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.