IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Abantu batanu bapfuye bahitanywe n’igitero c’umwihevyi (...)

Nigeria: Abantu batanu bapfuye bahitanywe n’igitero c’umwihevyi w’umwigeme

mercredi 26 Myandagaro 2015

Umukobwa w’umwihevyi yishe abantu batanu mu gitero yagize mukibanza ingenzi zitegereramwo imiduga mu ntara iri muburaruko bushira ubuseruko, I Damaturu mu gihugu ca Nijeriya.

Amakuru ava mu gipolisi ca Nijeriya amenyesha ko ico gitero cabaye ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 25 Myandagaro cakomerekeje abandi bantu bashika kuri 28.

Nta wuriyitira ico gitero, ariko mu bitero umugwi wa Boko Haram uheruka kugira muri ako karere, warakoresheje abigeme n’abakenyezi, bigatuma abantu bagira amakenga ko Boko Haram ishobora kuba ikoresha abantu yanyuruje.

Mu gitero Boko Haram yagize mu kigwati kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya mu mwaka uheze, Boko Haram yanyuruje abigeme bashika ku majana atatu, muri bo 200 bakaba bataramenyekana irengero ryabo.

Umugwi Boko Haram uramaze kwemera icese ko uzokurikiza amabwiriza y’umugwi w’intagondwa za Etat Islamique, umaze kugandagura abantu barenga ku bihumbi cumi mu mugambi w’ayo wo gushinga reta yo mu buraruko bwa Nijeriya igendera ku mategeko y’idini rya Islam.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.