IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abantu indwi bishwe mu myiyerekano

Nigeria : Abantu indwi bishwe mu myiyerekano

mercredi 1er Ruheshi 2016, par egide

Abantu 7 barishwe ku musi wa mbere mu burengero bw’igisagara ca Asaba, mu gihugu ca Nigeria mu midugararo hagati y’igisirikare n’abantu bo mu bwoko bw’aba Biafra.

Ubwo bwoko bushaka kwiyonkora kuri ico gisirikare, nk’uko tubikesha itororokanirizo ry’amakuru rya Associated Press.

Abanyagihugu batanu n’abaporisi babiri nibo bishwe igihe iyo ntureka yatangura mu myiyerekano yo gushaka kwishira no kwizana kw’aba Biafra, nk’uko bivugwa n’igiporisi co mu ntara ya Delta.

Abantu barenga umuriyoni basize ubuzima mu ntambara yabaye hagati y’imyaka ya 1967-1970, aho igisirikare cagwana kibuza uburengero bw’ico gihugu kwiyonkora, kugira biyite intara yigenga ya Biafra.

Abari mu muhari w’intara ya Biafra ishaka kwiyonkora babwiye abamenyeshamakuru ko abantu bapfuye ari benshi ugereranije n’ibiharuro vyatanzwe n’igiporisi.

Umukuru wa Biafra n’iyindi migwi yiyonkoye bagize imyiyerekano kuri uwu wa mbere, umusi baronkera ukwishira n’ukwizana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.