IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abigeme b’abanyeshure barenga ijana banyurujwe na Boko (...)

Nigeria : Abigeme b’abanyeshure barenga ijana banyurujwe na Boko Haram

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Abarwanyi ba Boko Haram barateye ishure riri mu Buraruko bushira Ubuseruko bwa Nigeria. Muri ico gitero, abana bashika kw’ijana baranyurujwe. Abasirikare bari bajejwe gukingira umutekano wabo banyeshure bikaba vyarabananiye gukinga ako kabi.

Muri ico gitero, abanyeshure b’abigeme batari bake baranyurujwe ,nk ‘uko vyashikirijwe na Emmanuel Sam asanzwe ajejejwe inyigisho mu gisagara ca Chibok muri reta ya Borno ahabereye ico gitero. Abo barwanyi rero bariyamiriza inyigisho z’abazungu mbere bazigereranya n’icaha.

Babajije ku vyerekeye amakuru avugwa mu binyamakuru ko abigeme bamaze kunyuruzwa n’abo barwanyi barenga amajana abiri, umwe mu bajejwe umutekano yishuye ko badashika amajana abiri ariko ko barenga ijana. Umwe mu banyagihugu b’i Chibok bamenyesheje ko babonye abantu bitwaje ibirwanisho baje mu ma beni hamwe no ku ma moto, bamera nk’abaja kuri iryo shure. Ariko naho biri uko, hari abasirikare bari barungitswe muri ico gisagara mu ntumbero yo gukingira umutekano w’abo banyeshure muri kino gihe, bari mu bibazo ariko vyarabananiye gushika naho abarwanyi banyuruza abo banyeshure.

Muri ino ndwi niho vyari bitegekanijwe ko abo banyeshure bakora ikibazo, bakora buri mwaka kibaha uburenganzira bwo kuronka impamyabushobozi imwe n’ibindi bihugu bisanzwe biri muri Afrika ivuga ururimi rw’icongereza le West African Senior School certificate examination, kibaha uburenganzira bwo kuja mu mashure ya kaminuza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.