IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Bamwe mu bakobwa banyurujwe na Boko Haram barishwe

Nigeria : Bamwe mu bakobwa banyurujwe na Boko Haram barishwe

lundi 15 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’iterabwoba Boko Haram, uhurikiyemwo aba djihadiste mu gihugu ca Nigeria, wasohoye amashusho (Video), kuri uwu w’Imana, aho werekana abakobwa wanyuruje mu mwaka w’2016, baturuka mu gisagara ca Chibok, kiri mu ntara ya Borno, mu bumanuko bwa Nigeria.

Iyo video yerekanywe ku buhinga ngurukanabumenyi, yerekana abakobwa bitwikiriye, bicaye hasi, baraba inyuma. Abakobwa bashika 218, ku 276 bari banyurujwe, bakuwe mw’ishure ryisumbuye, mu gisagara ca Chibok, n’ubu akaba atawuzi irengero ryabo. Imyaka ibiri iraheze, Reta ya Nigeria igerageza kubarondera.

Iyo video niyo ya nyuma yasohowe n’umurongozi w’umugwi Boko Haram, Abubakar Shekau, aho mu ntango z’ukwezi kw’umunani, yasohora itangazo ribeshuza inkuru zavuga ko yasubirijwe n’uwundi murongozi.

Muri iyo video y’iminota cumi n’umwe, haboneka umugabo yipfutse avuga ko abo bakobwa bakiri mu minwe yabo. Yongera avuga ko abashika kuri 40 muribo, barongowe hisunzwe itegeko ry’Imana, abandi nabo bakaba barapfiriye mu bitero vy’indege vyabaye.

Muri iyo video kandi, umwe muri abo bakobwa yasavye Reta kurekura abagwanyi b’uwo mugwi, kugira nabo bashobore kurekugwa.

Mu mwaka uheze w’2015, igisirikare ca Nigeria camenyesheje ko carokoye abantu amajana bari bagizwe imbohe na Boko Haram, ariko muri ivyo vyegeranyo, abo bakobwa ntibarimwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.