IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Gen Buhari niwe ari mbere mu majwi

Nigeria : Gen Buhari niwe ari mbere mu majwi

mardi 31 Ntwarante 2015, par IGIHE

Ibimaze kuva mu matora vy’imfatakibanza muri Nigeria biha uwahoze ari umukuru w’umusirikare amajwi menshi kurusha umukuru w’igihugu ahari Goodluck Jonathan. Ariko intara zibamwo abantu benshi nka Lagos na Rivers ntiziratangaza ivyavuye mu matora.

Mu gihe igice c’intara za Nigeria zatangaje ivyavuye mu matora, umugambwe All Progressives Congress General wa Buhari bivugwa ko uri imbere n’amajwi agera ku miliyoni zibiri. Ibindi vyavuye mu matora vyitezwe kumenyeshwa kuri uwu wa kabiri. Uwuja gutsindwa vyitezwe ko ashobora kuvuga ko amatora habayemwo ubusuma.
Umugwi ujejwe gutegura amatora muri Nigeria (INEC), kuri uno wa mbere ukaba warahagaritse kubandanya utangaza ivyavuye mu matora, umaze gutangaza ivy’intara 18 gusa, hamwe n’umurwa mukuru Abuja gusa.

Umugambwe People’s Democratic Party wa Goodluck Jonathan (PDP) waronse amajwi 6.455.210 mu gihe APC wa General Buhari waronse 8.520.436. Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubwongereza kuwa mbere vyashikirijwe mw’intagazo rimwe amakenga ko hari abanyeporitike bariko biravanga mu gikorwa co guharura amajwi.

Umugwi ujejwe amatora wa Nigeria INEC wahakanye ayo makenga, umuvugizi wawo akaba yabwiye AFP ko ata mvo n’imwe yo kuvuga ko hari abivanga muri ico gikorwa. ONU yarashimye ingene amatora yagenze n’ubwo haciyemwo utunenge tw’ubuhinga, imyiyerekano hamwe n’intureka iturutse kuri Boko Haram.

Amatora yarabandanije ku munsi ugira kabiri mu bice bimwe bimwe vya Nigeria inyuma y’aho habereye ingorane z’ikoreshwa ry’imashini zisoma amakarata y’itora akozwe ku buhinga bwa none bwa Electronique.

Abitoje bakomakomeye ni babiri, akaba ari Muhammadu Buhari wo mu mugambwe All Progressive Congress (APC), yigeze kuba umukuru w’igihugu w’umusirikare, umu Islam wo mu buraruko, bugize ubwa kane yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, hamwe rero na Goodluck Jonathan wo mugambwe People’s Democratci Party (PDP), umukristu wo mu bumanuko, asanzwe ariwe yari ku butegetsi. Intwaro ya gisirikare yasezerewe mu 1999, kuva ico gihe umugambwe PDP ukaba ariwo uri ku butegetsi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.