Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Igitero cahitanye abantu 22 mu musigiti
Nigeria: Igitero cahitanye abantu 22 mu musigiti
mercredi 16 Ntwarante 2016, par
Umwiyahuzi yishe abantu bari baje gusenga 22 mu musigiti umwe ku nkengera z’igisagara co mu buraruko bushira uburengero bwa Maiduguri mu gihugu ca Nigeria, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Umwiyahuzi wa mbere yiturikirije mu musigiti, uwa kabiri yiturikirije hanze, mu gihe abari bacitse kw’icumu bariko baragerageza kunyaga amagara, nk’uko ababibonye babivuga.
Abandi bantu 17 bakomerekeye muri ico gitero, nk’uko umwe mu bategetsi yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.
Abarwanyi ba Boko Haram bagumye batera ico gisagara mu bitero vyabo bimaze imyaka 17.

IGIHE