IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Umwe mu bategetsi ba Boko Haram yafashwe mpiri

Nigeria : Umwe mu bategetsi ba Boko Haram yafashwe mpiri

mercredi 16 Mukakaro 2014

Mohammed Zakari ari mu barongozi bakuru b’umuhari boko haram uguma wiha inkumbi mu gihugu ca Nigeria, yahagaritswe n’igiporisi c’ico gihugu, akaba yagirizwa kuba amaze kwica abantu ibihumbi n’ibihumbi kuva mu mwaka w’2009.

Zakari w’imyaka 30 y’amavuko, akaba yagirizwa urupfu muri iyi minsi iheze, rw’abantu indwi bagwiiyemwo abana n’abagore aho mu gihugu ca Nigeria, nk’uko bivugwa na Frank Mba umuvugizi w’igiporisi ca Nigeria. Iyo nkozi y’ikibi, ikaba yafatiwe mw’ishamba ry’i Balmomu ntara ya Bauchi iri mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu. Zakari rero, akaba yafashwe mu gihe yariko arahunga ibitero vy’abasirikare b’ico gihugu.

Boko Haram rero ukaba ugisibije mu bihugu vya Nigeria, Niger na Cameroun, aho uwo muhari wica abantu, ukanyuruza abapfasoni n’abakobwa. Boko Haram rero, ukaba wipfuza ko ivyo bihugu uko ari bitatu, vyorongorwa hisunzwe amategeko y’idini rya Islam akaze cane ariyo Charia


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.