Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeriya : Abantu barenga ijana bagandaguwe i Izghe
Nigeriya : Abantu barenga ijana bagandaguwe i Izghe
lundi 17 Ruhuhuma 2014
Abantu barenga ijana nibo bishwe n’abantu bari bambaye impuzu za gisirikare, mu kirwati c’Izghe, muri Reta ya Borno, mu Buraruko bushira Ubuseruko bwa Nigeriya.
Nk’uko vyamenyeshejwe n’umukenguzamateka Ali Ndume kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16 Ruhuhuma, abantu bashika kw’ijana na batandatu, nibo bahasize ubuzima, muri bo harimwo umukenyezi umwe yarageze mu zabukuru. Abagirizwa ubwo bwicanyi bwagahoberabunwa, akaba ari akarwi k’aba islamu ba Boko Haram.
Ico gitero kikaba cabaye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma mu gace karwiriyemwo abakirisu Izghe. Agace kandi kari kakorewemwo ubwicanyi mu mwaka w’2009, kagatwara ubuzima bw’abanyagihugu barenga kuri 60. Umukenguzamateka Ali Ndume, akavuga ko bene ubwo bwicanyi budasanzwe bwagirizwa Boko Haram budasiba kwibonekeza.
Nubwo atavuze ivyahohonekeriye vyose, umuvugizi w’igisirakere ca Reta ya Borno, Mohammed Dole yaremeje ubwicanyi bwaraye bubaye kuri uyu wa gatandatu. Umwe mu banyagihugu b’Izghe yashoboye guhunga asimvye urugo rwiwe, avuga ko abo bagizi ba nabi batanguye igitero isaha zitatu n’igice z’ijoro, bagenda ku nzu ku nzu gusohora abagabo bose binyegeje baca babarasira hamwe. Bamwe baka baje bazanywe n’ibiduga binini binini bigera kuri bitandatu (camions) abandi bazanana n’amapikipiki.

Umukuru wa Reta ya Borno, Maina Ularamu akavuga nawe ko abo bicanyi baciye bagirako baranasahura amazu y’ubudandaji, hamwe n’amaduka, ivyo bivye baca babipakira mu miduga y’abanyagihugu barabijana. Abanyagihugu barenga ijana bo muri ako gace baciye bahungira i Maiduri, igisagara ca Reta ya Nigeriya kugutinya ko Boko Haram yohava igaruka kudurumbanya umutekano.
Umukuru w’igihugu ca Nigeriya, Googluck Jonathan akaba yagaragaje umubabaro kuri ubwo bwicanyi bw’agahomerabunwa bwaraye bubaye i Izghe. Mwokwibuka ko igisirikare ca Nigeriya kuva mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uheze, catanguye isekeza ryo kurwanya Boko Haram, n’ubu ico gikorwa kikaba kiriko n’ubwo urugamba rutoroshe kuko no ku ruhande rwa Boko Haram, babandanya bagira ibitero n’iterabwoba mu gihugu.
Mariella Bukuru