Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeriya : Abanyeshure 43 bishwe babasanze mu buraro
Nigeriya : Abanyeshure 43 bishwe babasanze mu buraro
mercredi 26 Ruhuhuma 2014
Amakuru ava mu gihugu ca Nigeriya amenyesha ko hari abanyeshure bagera kuri 43 baraye bishwe basanzwe mu buraro bwabo, kw’ishure ryisumbuye riri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria. Igitero cagirizwa aba isiramu bo mu murwi wa Boko Haram.
Nkuko vyashikirijwe n’abajejwe umutekano muri Nigeriya, abo bagizi ba nabi bateye ishure ryo mu gisagara ca Buni Yadi risanzwe ryakira abanyeshure b’abahungu n’abigeme bari hagati y’imyaka 11 na 18 y’amavuka. Ico gitero kikaba caje gikurikira icari giherutse kuba cahitanye abarenga kuri 10 mu gace ka Yobe.
- Abanyeshure babasanze mu buraro baca babamijamwo amasasu
Umuvugizi w’igisirikare muri ako karere, Lazarus Eli akaba yamenyesheje ko ico gitero cabereye i Yobe, cabaye isaha umunani zo mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri wa 25 Ruhuhuma, aho abagizi ba nabi basuka amasasu nk’imvura mu buraro bw’abanyeshure, amasasu yahitanye abarenga kuri 43.
Ivyo biziga uko ari 43 vyaciye bitwarwa mu bitaro vyo ku murwa mukuru wa Nigeriya, aho biri mu buruhukiro gushika ubu, nk’uko bimenyeshwa n’umuyobozi w’ibitaro vya Damaturu. Yabandanije avuga kandi ko mu bapfuye, harashwe gusa abahungu, abakobwa batakozweko.

Tubibutse ko umurwi Boko Haram, izina risigura "Education occidentale est interdite" (inyigisho mvaburaya zirabujijwe), umaze gutera amashure atari make yo mu buraruko bw’igihugu ca Nigeriya kuva wiyonkoye ku butegetsi mu mwaka w’2009. Muri Nyakanga 2013, umurwi wa Boko Haram ukaba warishe abanyeshure barenga kuri 40 mu gisagara ca Gujba.
Imiryango y’abo banyeshure baraye biciwe kw’ishure ryisumbuye ry’i Buni Yadi ikaba yakoraniye aho ibiziga biri mu buruhukiro bwo ku bitaro vya Damaturu. Abajejwe umutekano bahacungereye kugira ntihabe umudurumbanyo.
Mwomenya ko mu masanamu aheruka kwerekanwa, umukuru w’umurwi Boko Haram, Abubakar Shakau yiyemereye ko agiye kubandanya urugamba kandi ko agiye no kurubandaniriza no mu bumanuko bw’igihugu ca Nigeriya ahasanzwe hari igitoro, agace karwiriyemwo abakirisu batari bake.
Mariella Bukuru
Messages
27 Ruhuhuma 2014, 11:49, par Gicocoro J.M
Ewe Mana yacu garukira iyisi kuko iraturuhije!none nkabo bana vy’ukuri bahowe iki?uwo muhari wa boko haram ukwiye gusengerwa nawo ugahinduka.nkaba mpojeje imiryango yose yabuze ndetse naba Nigelia bose.
3 Ruheshi 2015, 17:18, par Nshimirimana Nasson
None Ko Aba Boko Haram Bavugwa Ko Aribabi Idini DyabiSlam Si Idyukuri?
3 Ruheshi 2015, 17:19, par Nshimirimana Nasson
None Ko Aba Boko Haram Bavugwa Ko Aribabi Idini DyabiSlam Si Idyukuri?