Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Boko Haram ishira imbere ku rugamba abakenyezi n’abakobwa (...)
Nijeriya : Boko Haram ishira imbere ku rugamba abakenyezi n’abakobwa yanyuruje
lundi 27 Gitugutu 2014
Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru La Voix du Nord, ngo abakenyezi n’abigeme banyurujwe n’umuhari w’aba Islamu Boko Haram mu gihugu ca Nijeriya, nibo bashirwa ibere bagiye ku rugamba. Ivyo vyamenyeshejwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi Human Rights Watch (HRW) aho mbere ivyiyamiriza cane.
Iri shirahamwe ryasohoye icegeranyo aho rivuga ko ryahawe inkuru n’abantu barenga cumi bari baranyurujwe n’uwo muhari, mu nyuma bakarekurwa. Mbere ngo abo bahoze ari imbohe za Boko Haram biraboneka ko bagiriwe amabi menshi yabasinzikarije umubiri n’umutima.

Mur’ico cegeranyo ca Human Right Watch, umwigeme w’imyaka 19 yamaze amezi atatu yaranyurujwe na Boko Haram mu mwaka uheze amenyesha ko yategetswe kenshi kuja mu bitero vyagizwe n’uwo muhari.
Avuga ati : « Bansaba kubatwaza amasoro, no kuryama mu vyatsi igihe baba bariko baragwana. Baja baransanga aho mbunze batwara amasasu, kandi ingwano ziriko zirabandanya. » Arongerako ati : « Abasirikare ba Reta bahashitse abakaturasa, naciye ngwa hasi kuber’ubwoba bwinshi. Abagwanyi baciye bankwega bagenda baramburuta hasi biruka baja mw’ikambi yabo. » Uwo mwigeme amenyesha kandi ko yategetswe n’abagwanyi ba Boko Haram, gukerera akoresheje imbugita, umwe mu bagwanyi bandi yafashwe n’uwo muhari. » Ati narajugumiye, ndagira ubwoba ntari bwabone, kandi naranse kubikora. Umukenyezi w’uwutwara ikambi ry’abo bagwanyi ngo yaciye afata imbufgita amuca izosi ubwo nyene.
Iki cegeranyo ca Human Right Watch gisohotse mugihe mu mpera z’iyi ndwi irangiye, urwaruka rugera kuri 30, abahungu n’abigeme, harimwo n’abafise imyaka 11, banyururijwe n’uwo muhari, muri Reta ya Borno, mu burengero bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Mu ndwi iheze naho, uwo muhari wanyuruje abakenyezi n’abigeme 60 mu bisagara bibiri vy’amajepfo ya Borno, arivyo Wagga na Gwarta.
Messages
29 Gitugutu 2014, 20:31, par Eric NTUNGWANAYO
NTAKUNDI IMANA NIY ITABAR INZIRAKARENGANE. BIZOHERA NIBIGUMYE BASAB IMANA YO MUTABAZ IBASERUKEKO.
30 Gitugutu 2014, 08:49, par UWIMANA JUSTINE
IMANA NIYO MUTABAZI KANDI IZOBATABARA NI BABANDANYE KUYISENGA IZOBATABARA BIHANGANE
30 Gitugutu 2014, 08:49, par UWIMANA JUSTINE
IMANA NIYO MUTABAZI KANDI IZOBATABARA NI BABANDANYE KUYISENGA IZOBATABARA BIHANGANE