IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Boko Haram ishira imbere ku rugamba abakenyezi n’abakobwa (...)

Nijeriya : Boko Haram ishira imbere ku rugamba abakenyezi n’abakobwa yanyuruje

lundi 27 Gitugutu 2014

Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru La Voix du Nord, ngo abakenyezi n’abigeme banyurujwe n’umuhari w’aba Islamu Boko Haram mu gihugu ca Nijeriya, nibo bashirwa ibere bagiye ku rugamba. Ivyo vyamenyeshejwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi Human Rights Watch (HRW) aho mbere ivyiyamiriza cane.

Iri shirahamwe ryasohoye icegeranyo aho rivuga ko ryahawe inkuru n’abantu barenga cumi bari baranyurujwe n’uwo muhari, mu nyuma bakarekurwa. Mbere ngo abo bahoze ari imbohe za Boko Haram biraboneka ko bagiriwe amabi menshi yabasinzikarije umubiri n’umutima.

Mur’ico cegeranyo ca Human Right Watch, umwigeme w’imyaka 19 yamaze amezi atatu yaranyurujwe na Boko Haram mu mwaka uheze amenyesha ko yategetswe kenshi kuja mu bitero vyagizwe n’uwo muhari.

Avuga ati : « Bansaba kubatwaza amasoro, no kuryama mu vyatsi igihe baba bariko baragwana. Baja baransanga aho mbunze batwara amasasu, kandi ingwano ziriko zirabandanya. » Arongerako ati : « Abasirikare ba Reta bahashitse abakaturasa, naciye ngwa hasi kuber’ubwoba bwinshi. Abagwanyi baciye bankwega bagenda baramburuta hasi biruka baja mw’ikambi yabo. » Uwo mwigeme amenyesha kandi ko yategetswe n’abagwanyi ba Boko Haram, gukerera akoresheje imbugita, umwe mu bagwanyi bandi yafashwe n’uwo muhari. » Ati narajugumiye, ndagira ubwoba ntari bwabone, kandi naranse kubikora. Umukenyezi w’uwutwara ikambi ry’abo bagwanyi ngo yaciye afata imbufgita amuca izosi ubwo nyene.

Iki cegeranyo ca Human Right Watch gisohotse mugihe mu mpera z’iyi ndwi irangiye, urwaruka rugera kuri 30, abahungu n’abigeme, harimwo n’abafise imyaka 11, banyururijwe n’uwo muhari, muri Reta ya Borno, mu burengero bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Mu ndwi iheze naho, uwo muhari wanyuruje abakenyezi n’abigeme 60 mu bisagara bibiri vy’amajepfo ya Borno, arivyo Wagga na Gwarta.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.