IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU ishaka gukoresha indege zitagira umudereva muri Congo, u Rwanda (...)

ONU ishaka gukoresha indege zitagira umudereva muri Congo, u Rwanda ruravyiyamiriza

jeudi 10 Nzero 2013

Ishirahamwe ONU ryaraye risavye indege Drones zitagira abadereva zo gucungera ubuseruko bwa Congo.Ariko u Rwanda ruravyiyamiriza.

Abajejwe igikorwa co gucungera umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bariko barasaba inama mpuzamakungu ijejwe umutekano gushigikira ikoreshwa ry’indege zitagira abadereva bita Drone, mu gikorwa co kugenduza intara yo mu buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

JPEG - 2.3 ko

Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe gucungera umutekano, Herve Ladsous, yateye ako kamo inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, mu nama yabaye mu mwiherero ku munsi wa kabiri, aho yasavye kw’izo ndege Drones zifasha abajejwe gucungera umutekano mu gihugu ca Congo, barenga ibihumbi 17.

Abarwanya ubutegetsi barafashe mu kanya gatoyi igisagara ca Goma kiri mu buseruko mu mwaka uheze, inyuma y’aho bataniye mu mitwe n’abasirikare bajejwe gucungera umutekano hamwe n’abasirikare ba Reta ya Congo.

U Rwanda, rusangiye urubibe rwo mu buseruko n’igihugu ca Congo, rwaratangaje ko rutewe amakenga n’irungikwa ry’izo ndege za Drones, rukaba rwavuze kw’iyo ngingo izoca ituma inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu zihinduka inteko z’abagwanyi.

Ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu birimwo Reta zunze ubumwe za Amerika; u Bwongereza hamwe n’u Bufaransa, birashigikiye uyo mugambi. Umuvugizi w’ibiro biseruka u Bufaransa muri ONU, yaranditse amakuru avuga kw’inteko za ONU zikeneye ibikoresho vyo mu bihe tugezemwo, birimwo indege za Drones, kugira ngo zishobore kuronka makuru nyayo kandi zitange n’inyishu zikwiye.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.