IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Jolly Tumuhirwe yaciriwe umunyororo w’imyaka ine

Uganda : Jolly Tumuhirwe yaciriwe umunyororo w’imyaka ine

mardi 16 Kigarama 2014

Umuyaya wo mu gihugu ca Uganda yaciriwe na sentare gufungwa imyaka ine kubera ko yahohoteye umwana w’imyaka ibiri.

Jolly Tumuhirwe, w’imyaka 22, yafashwe amasanamu ariko akubita uwo mwana w’amezi 18, amusunura yongera amuhonyanga. Amasanamu yababaje abatari bake kuko vyagaragaramwo ubukozi bw’ikibi budasanzwe.

Ku munsi wa gatanu, uwo muyaya yari yavuze ko ivyo yabikoze yihora ko nawe nyinabuja yahora amukubita. Ivyo uwo muvyeyi w’uwo mwana akaba yarabihakanye.

Ivyaha vya mbere yagirizwa vyo kumubabariza igufa vyarahebwe. Umucamanza mukuru Lillian Buchan yabwiye Tumuhirwe ko yakoze icaha kidashobora kuronka insiguro kandi kidashobora kugirirwa imbabazi. Yavuze ko ico gihano c’umunyororo w’imyaka ine gikwiye uravye ububisha yerekanye kuri uwo mwana w’ikitazi kandi atagira gitabara.

Tubibutse ko se w’umwana, Eric Kamanzi, yashize camera mu nzu yiwe amaze kwikeka ko umwana afatwa nabi. Ayo masanamu ya video arinayo yatumye urwo rubanza ruba, yafashwe na camera se w’umwana, Eric Kamanzi yashinze mu nzu yiwe amaze kubona ko umukobwa wiwe yari afise ibipfupfuri kandi agenda aracumbagira.

Yaciye abwira igipolisi ubwo bugizi bwa nabi hanyuma aca arungikira ku rubuga ngurukanabumenyi ayo masanamu, abo mu muryango wiwe.
Iyo video mu nyuma yaciye ihanahamwa henshi kw’isi ituma abantu bababara cane.
Kamanzi yavuze ati : "Si twebwe dutegerezwa gufata ingingo ku gihano kuvyo yakoze. Twizeye ko ibi vyabaye akarorero ku bandi bayaya ko udashobora gufata umwana w’umuntu ngo umuhohotere hanyuma ugume amarembe", nk’uko se w’uwo mwana yabishikirije. Ibipimo vyerekanye ko uwo mwana ku mubiri ameze neza, ariko ko ashobora kuzomara igihe agifise ingaruka z’ihahamuka.

Mu gihugu ca Uganda, nta rugero rw’ubumenyi rusabwa ku bantu bakora akazi ko kurera abana. Igiporisi cahanuye abantu kubanza kubaza ababanyi, abagenzi, abaporisi bakorera aho hantu n’abandi baba barigeze gukoresha uwo baba bashaka guha akazi ko kurera abana.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.