Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Petero Buyoya yizera ko imirwi irwana muri Mali buca itera umukono ku (...)
Petero Buyoya yizera ko imirwi irwana muri Mali buca itera umukono ku masezerano
mercredi 4 Ntwarante 2015
Petero Buyoya avuga ko hamwe abarabana ayingwe bose botera umukono ku masezerano y’amahoro, abanyagihugu bose bo muri Mali boba bungutse.

Umukenguzamateka Petero Buyoya asanzwe aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika muri Mali no mu karere kose ka Sahel akaba yabivuze mu gihe mu mpera z’uku kwezi kwa Ntwarante, ariho bitegekanijwe ko haba amasezerano yo gutera umukono ku masezerano y’amahoro, hagati ya Reta ya Mali n’imirwi yose yitwaje ibirwanisho irwanya Reta. Ariko rero, kuri uyu wa mbere Ntwarante, imihari ihurikiye mu runani Azawad ikaba yaranse gutera umukono ku nteguro y’amasezerano y’amahoro.
Ku bw’umuhuza muri ivyo biganiro Petero Buyoya, asaba abanyagihugu bose gutahura akamaro k’ivyo biganiro. Asaba abanyagihugu ba Mali, kumenya ko ayo masezerano ari ngirakamaro kuri bo, yaba mu ntwaro na poritike, mu gisata c’Ubutungane, umutekano, iterambere n’ugusubiza hamwe. Mu majambo make, Petero Buyoya akavuga ko ayo masezerano ari ngirakamaro ku banyagihugu bo mu Buraruko bwa Mali, mu kuzotsimbataza amahoro mu gihugu cose.

Uwo mukenguzamakteka yahoze arongoye Uburundi, akizera ko ayo masezerano imirwi yose izoyaterako umukono, ko kugeza ubu, acizera ko abaserukira imirwi irwana mu Buraruko, bose bazoza gutera umukono kuri ayo masezerano, ko nabo nyene bakeneye amahoro. Akamenyesha ko hamwe naho bogaragaza ko badashaka amahoro, bazoba bikuye ku makungu yariko arafasha kugira amahoro agaruke muri ako karere.
Aristide Nizigire
Messages
4 Ntwarante 2015, 21:20, par YOHANI FRANCE
EX;: LE GENOCIDE AU RWANDA YABA IYO COMMUNAUTE INTERNATIONALE BARI AHO BARORERA, none mu Burundi nico turindiriye, ababishoboye vira hasi rimwe twanke kuba abaja ba P.NKURUNZIZA kandi ata maraso arinze guseseka, IL YA DES SOLUTIONS ET DES STRATEGIES
5 Ntwarante 2015, 03:29, par Nuwera
Komera Buyoya Petero, Uzurababwirako nawewe igihugu cawe cahisemwo kugiriranira amasezerano nabaribahisemwo kuryanaryana atimunyu yokuyasinya twungutse vyishi atanamakungu turahavunguriraho, abantu bitwaba amazina ya Petero amazinayabo ari special mugukora ibitangaza.