Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RCA: Umukuru w’igihugu Michel Djotodia n’icegera ciwe batanze (...)
RCA: Umukuru w’igihugu Michel Djotodia n’icegera ciwe batanze imihoho
vendredi 10 Nzero 2014
Urukurukuru rwari rumaze iminsi ruvugwa mu gihugu ca Centrafrika ko Michel Djotodia ashobora gutanga imihoho, rwabaye inkuru nyakuri.
N’aho bibaye vyabaye mu mwanya bitari vyari vyavugiweko, Michel Djotodia ari kumwe n’icegera ciwe Nicolas Tiangaye bahejeje gutanga imihoho, mu gihe vyari vyitezwe n’abatari bake ko bayitanga imbere y’uko inama rukokoma ya CEEACE yabereye i N’Djamena iba.
Batanze imihoho inyuma y’aho bari basabwe mu nama y’umwiherero y’abategetsi ba CEEACE ko bokura akarenge muvya poritike, aho hari igihe ibiganiro vyasa nibihagaze ku gitondo co kuri uyu 10 Nzero, imbere y’uko bisubira kubandanya. Tukabibutsa ko ari inama rukokoma igizwe n’abakuru b’ibihugu bagize CEEACE harimwo n’abategetsi b’ingabo zidasanzwe bo muri Centrafrika, abagize umurwi w’igihugu vy’imfatakibanza hamwe n’abagize inama nshingamateka vy’agategekenyo. Bakaba bari bakoranye mu gikorwa co gusubiriza abo batanze imihoho.

Ikete Michel Djotodia yashize ko umukono ko atanze imihoho, rikaba ryasomwe ku mugaragaro. Iryo kete rikaba ryaciye ritangwa ku mukuru w’umurwi w’igihugu vy’imfatakibanza, umushingamateka vy’agategakanyo muri Centrafrika, Alexandre Ferdinand Nguendet. Ubu abatari bake bandi bagize uwo murwi bakaba baciye bahamagarwa vyihuta i Ndjamena kugira bavugane ibigiye gukurikira.
Bikaba bitegekanijwe ko ari Alexandre Ferdinand Nguendet yugurura inama idasanzwe ari kumwe nabo babikorana kugira batore uwugiye gusubirira Michel Djotodia. Abategetsi ba CEEACE biteze ko inama rukokoma barimwo ihava iherana n’ayo matora aza agire abe.
Mwomenya ko amazina ahava atorwamwo uwundi mukuru w’igihugu vy’imfatakibanza yamaze kumenyekana n’aho amwe mu mazina yatowe kugire bimenyekanishe batari i Djamena.
Mariella Bukuru
Messages
10 Nzero 2014, 20:15, par Tollo
Iyo ubonye utabishoboye urabireka buriya bari no ku muhitana ga ariko ndawmemeye yakoze akantu kubwenge yabanje kwicara ruhande yabandi bategetsi.