IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo : Abantu 79 nibo bamaze kugandagurwa na ADF

RD Congo : Abantu 79 nibo bamaze kugandagurwa na ADF

dimanche 19 Gitugutu 2014

Abantu bagera kuri 22 bo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nibo bagandaguwe n’abarwanyi bo mu gihugu c’Ubuganda.

Abo bishwe bakaba ahanini barwiriyemwo abana n’abagore. Abo banyagihugu bagandaguwe n’uwo murwi w’abo barwanyi bakaba bapfiriye ahitwa i Eringeti, isannzwe iri mu Buraruko bwa Kivu. Uwo murwi w’abo barwanyi bamuka mu gihugu c’Ubuganda basanzwe bari hagati y’urubibe ivyo bihugu bibiri bihana, bakaba bagisibije mu kwica bunyamaswa abanyagihugu binzirakarengane. Uyo murwi ukaba watanguye guhurumbanya ako karere kuva mu myaka y’1990. Ndetse abo barwanyi bakaba muri iyo myaka aribo bavugwa cane mu karere ivyo bihugu bhiherereyemwo. Abo bantu 22 bishwe bakaba bakurikiye abandi bashika 30 baheruka kugandagurwa na l’Alliance des forces démocratiques (ADF).

Abo bari muri l’Alliance des forces démocratiques (ADF) bakaba bagirizwa na MONUSCO (Mission de l’ONU au Congo ) ko mu ndwi zibiri gusa uwo murwi umaze kwica abantu bagera kuri 79.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.