IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RD Congo: Igaburwa gushasha ry’intara rishobora kuvyura indyane (...)

RD Congo: Igaburwa gushasha ry’intara rishobora kuvyura indyane z’amoko

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo ,igikorwa co gutunganya gushasha intara catanguranye ibibazo kuko mu ntara ya Katanga isanzwe ari nini kandi itunze muri ico gihugu, igikorwa kiriko gikorwa nabi.

Ico gikorwa co gutunganya bushasha igihugu mu ntara zine, catanguye gicerewe indwi zitatu. Imirwi itandatu yashinzwe gushinga izo ntara nshasha yatanguye gukora ku mugaragaro kuwa mbere igenekerezo rya 20 Ndamukiza umwaka w’2015. Ico gikorwa nticoroshe, kuko bose badahuriza ku kungene ico gikorwa cokorwa. Bamwe bavuga ko kugabura igihugu mu ntara zishasha ata kamaro bifise, ariko ko igifise akamaro ari gutunganya neza hamwe no guteza imbere intara zisanzwe zihari, kuko ziba nyinshi canke nkeya ikibazo nico kuzitunganya.

Urundi ruhande rubona ko ukwokugabura gushasha intara vyihutishijwe, kuko na Reta irazi ko izo ntara nshasha zogaburwa zidafise inyubako zikwiye ku intara. Urwo ruhande ruvuga ko naho umurwi wagiyeho utunganya gushasha intara, vyari bikwiye gukorwa habaye ukwitegura ku rugero rushimishije. Abandi babona ko ukutangana mu bijanye n’iterambere hagati ya Lubumbashi, umurwa mukuru wa Katanga n’izindi ntara bishobora gutuma havyuka indyane z’amoko.

Igice kinini c’abashingamateka kirerekana amakenga, kivuga ko igihugu ata buryo gifise bwo kugabura gushasha intara mu gihe cimirije amatora indwi gushika mu mpera z’umwaka w’2016. Umuvugizi wa Reta, Lambert Mende yemeza ko ico gikorwa kizogenda neza. Ku bwiwe, nta ngaruka gishobora kugira kuko gitegekanijwe mw’ibwirizwa nshingiro.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.