Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abantu bagera ku 20 banyurujwe n’abarwanyi ba FDLR
RDC : Abantu bagera ku 20 banyurujwe n’abarwanyi ba FDLR
vendredi 18 Gitugutu 2013
Inkuru yo kwizera iva mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, imenyesha ko abantu bagera kuri 20 batwawe n’umurwi w’abarwanyi ba FDLR (Forces démocratiques pour la Libération du Rwanda) i Wilebela mu gace ka Mwenga ko muntara ya Kivu y’Ubumanuko.
Abarwanyi boba bateye abantu batavyiteze, mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu igihe abanyagihugu birimizi bariko bararima, baca bategeka ko kwikorera imizigo, maze baca babatwara ahantu hatazwi nk’uko bimenyeshwa n’umuntu atashimye kwivuga wo mw’ishirahamwe ataho ryegemiye mu vya poltike i Kinshasa.
Inyuma ya masaha make, abo barwanyi bashoboye kurekura abagore batandatu n’umwana w’umuhungu. Ariko amakuru ava aho muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, akaba avuga ko abasirikare bariko barakurikirana abo barwanyi kugira bashobore gutabara abanyururijwe mw’ishamba rya Lubumba.

Iyo mirwi rero y’abarwanyi ba FDLR bafatwa n’amakungu nk’imirwi y’abantu badashobotse, yoba yarananyuruje abapfasoni bane b’abakongomani n’umwana w’uruyoya, baraheza babarekura babamaranye imyaka icenda aho bita Izege, nu gace ka Walungu.
Mariella Bukuru
Messages
19 Gitugutu 2013, 11:59, par impanuro
Uriya mutwe wingabo bagosora yarayoboye witwaga gwiki?? abazi igifansa cyishi munsigurire . ndabaza abashingantahe nabakenyeyezi mwoba mwarize byishi