Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abarwanyi 900 nibo bitavye Imana
RDC : Abarwanyi 900 nibo bitavye Imana
lundi 25 Munyonyo 2013
Abaroberi barenga 900 nibo basize ubuzima mw’itana mu mitwe hagati y’igisirikare ca Reta n’umuhari M23 hagati y’ukwezi kwa Rusama na Munyonyo, umuhari m23 ukaba warwanira mu karere ko mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo , nk’uko bimenyeshwa n’umwe mu bakuru b’igisirikare muri ako karere.
Guhera kw’igenekerezo rya 20 Rusama gushika kuwa 5 munyonyo, igisirikare c’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya congo (armee gouvernementale ) cabuze abasirikare 201 hamwe na 680 bakomeretse. Ku ruhande rwa M23, hakaba hitavye Imana 721 hamwe na 543 bafashwe, nk’uko general Jean Lucien Bahuma abimenyesha yakorera mu karere k’Uburaruko bwa Kivu, ahabereye iyo ndwano.
Eka n’ingabo zitatu ziva mu gihugu ca Tanzaniya zikorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU zarishwe. Kw’igenekerezo rya 25 gitugutu, inyuma y’amezi make gusa hari agahengwe, indwano yarasubiriye gushuha hagati ya M23 n’igisirikare c’igihugu.Kw’igenekerezo rya 5 Munyonyo, umuhari M23 ukaba waremeye ko utsinzwe.

Umuhari wa M23 wavutse mu kwezi kwa Ndamukiza 2012. Abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe na Kinshassa bakaba baragirije incuro nyinshi igihugu c’Urwanda hamwe na Ouganda ko bifasha abo barwanyi, ariko ivyo bihugu bibanyi vyaguma bibihakana.
Intumwa ziva i Kinshassa hamwe n’abahoze ari abarwanyi, bategerezwa gutera igikumu kuwa 11 Munyonyo i Kampala ku rwandiko ruhagarika amatati y’indwano, ariko kuko Reta yatsinze inyeshamba za M23, igihugu caranse gutera igikumu kuri ayo masezerano.
Floxella Karire
Messages
27 Munyonyo 2013, 12:06, par Kirinyota
Ariko ubona nk’abo bantu bose bapfuye bazira iki koko. Mana uhoraho Kubera iki abantu bakunda ingwano koko?