Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abarwanyi ba FDLR bagirizwa kuba barataye agatima k’ubuntu
RDC : Abarwanyi ba FDLR bagirizwa kuba barataye agatima k’ubuntu
vendredi 28 Ntwarante 2014
Abanyagihugu baba mu misozi irimwo abarwanyi bo mu muhari wa FDLR mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bavuga ko baruhishijwe n’izo ntagondwa.
Mariam, umukenyezi w’umukongomani avuga ko yafashwe ku nguvu n’abo barwanyi bava mu gihugu c’Urwanda, aho batatu bamukoraniye, bamusiga ari intere. Avuga ko abo barwanyi barembeje abanyagihugu, babakorera amabi atagira izina. Uretse ko ataco bababikana mu mazu, ntanico babakorana. Bama bariko barababuragiza, babasaba amafaranga, co kimwe no kubaboreza igufa.

Umukenyezi canke umwigeme aroye kuvoma canke gusenya udukwi, akagira ingorane agahura n’izo ntagondwa, avuga ko adataha amahoro. Mariam amenyesha ko baca babashurashuza ku nguvu ari benshi, uwanse nawe atishwe, ataha ari ikiruruma. Avuka kandi ko abo barwanyi bamaze guta agatima k’ubuntu, basigaye ataho bataniye n’ibikoko. Avuga ko badasonera n’abantu bageze mu zabukuru. Asaba ko ibitero vy’inteko za ONU kuri abo barwanyi, vyogwizwa, mu ntumbero yo kubomora, kugira basubire mu mahoro.
Mu bumanuko bwa Lubero, abo barwanyi ba FDL bakaba badasiba kugira ibitero ku banyagihugu. Mu karere nako ka Luofu, ku murango wogira ibintu vyifashe neza, ariko hageze ku mugoroba, akaba ata munyagihugu arara mu nzu, bose bihereza amashamba canke imyonga, kugutinya kwicirwa mu mazu, canke bagahunga gufatwa ku nguvu, imbere y’ibibondo vyabo.
Aristide Nizigire