Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abarwanyi ba FDLR bariko bahungira mu banyagihugu
RDC : Abarwanyi ba FDLR bariko bahungira mu banyagihugu
lundi 2 Ntwarante 2015
Abarwanyi bo mu muhari FDLR bamaze iminsi bariko baragirwako ibitero n’abasirikare b’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bariko barata ibirindiro vyabo, bahungira mu ntara za Kivu y’Epfo n’iya Ruguru.
Kuva kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 hamwe no kuri uyu w’Imana, abo barwanyi ba FDLR basanzwe barwanya igihugu c’Urwanda, bakaba bagumye baterwa agasakisaki n’abasirikare b’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rsangi ya Kongo. Abo basirikare b’ico gihugu bemeza ko abo barwanyi atanguvu bagifise, kuko bata ibirindiro vyabo, bagahungira mu ntara za Kivu, ubu rero, bakibaza iyo bazogera mu guhunga, na rirya bamwe aho kuja mu makambi bateguriwe, bitera mu banyagihugu.

Ariko rero n’aho abo basirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bemeza ko abo barwanyi batagira inguvu, abanyagihugu bo, bakaba bavuga ko babonye umuduga wa ruseha abaniha, wari utwaye bamwe mu basirikare bari bakomeretse. Ikindi abo banyagihugu bemeza, ni uko indwano zabereye i Rutshuru ku rubibe rw’Urwanda n’igihugu c’Ubuganda canke indwano zabereye Mulenge, vyagaragaye ko zari zikomeye kandi ko abo baroberi bagifise ibirwanisho bikomeye.
Abo barwanyi bivugwa ko barimwo n’interahamwe zagirizwa amabi atagira izina yakorewe abanyarwanda b’abatutsi mu mwaka w’1994, bakaba bagirizwa n’ugutera umudugararo mu karere k’ibiyaga binini, na cane cane mu gufata abagore ku nguvu, kwiba, kwica n’ugusahura ubutare bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Aristide Nizigire