Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abasirikare ba Kongo bariko bigina intsinzi
RDC : Abasirikare ba Kongo bariko bigina intsinzi
mardi 5 Munyonyo 2013
Ikibanza Chanzu ari naco ca nyuma abarwanyi ba M23 bari basigaranye carafashwe ku munsi w’ejo kuwa kabiri. Iyo ntsinzi y’abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bayironse inyuma y’intureka zidasanzwe zari zimaze iminsi cumi n’ibiri hagati y’abarwanyi ba M23 baharurwa mu majana ku basirikare 3600 ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Uturere twose twari twifatiwe hari haheze umwaka n’abarwanyi ba M23, ubu tugenzurwa n’abasirikare b’igihugu. Mu basirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo no ku banyagihugu, akamwemwe ni kose.

Iyo ngwano yari imaze iminsi cumi n’ibiri yahitanye abaharurwa mu mirongo ibiri ku ruhande rw’abasirikare b’igihugu, abarwanyi nabo baharurwa mu majana bahasiga ubuzima. Abanyagihugu bagera kuri cumi na babiri nabo nibo baguye muri izo ngwano.
Iyo ntsinzi y’abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo itumye igihugu cose kigenzurwa n’abasirikare b’igihugu, kandi ikaba ifatwa nk’intsinzi ya mbere kuva igihugu kironse intahe y’ukwikukira. Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abarongoye umuhari M23 bamenyesheje ko uwo muhari ukiriho, ariko ko ugiye kubandanya ibokrwa vyawo muri poritike, atari mu ngwano.

Egide Nduwimana
Messages
6 Munyonyo 2013, 00:04, par Ndaremye
Abasirikare ba Kongo muranyongereye umunezero ntangere kubera mweretse abo bahisemwo kwicisha amoko yabantu yose yiremewe n’Imana ndumurundi ariko nanjenifatikanije namwe mukwishimira iyotsinzi. Congo oyeeeeeeeeeeeee!!!
6 Munyonyo 2013, 00:46, par Smill
Nibyiza kuba mwatsinze kabila abongere umushala kuko mwakoze akazi gakomeye
6 Munyonyo 2013, 08:38, par steven
ewe kagome uramaramaye uzosubiree
6 Munyonyo 2013, 08:38, par steven
ewe kagome uramaramaye uzosubiree
6 Munyonyo 2013, 08:38, par steven
ewe kagome uramaramaye uzosubiree
6 Munyonyo 2013, 22:18, par protegene
Nibyiza gutsinda m23 mutahukane impunzi ziri mu RWANDA ,BURUNDI,U GANDA nibwo intsinzi nyayo izagerwaho kandi nikibazo cya FDRL gikemuke vuba