Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi biyamirije ibiganiro vyasabwe n’ubumwe bwa (...)
RDC : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi biyamirije ibiganiro vyasabwe n’ubumwe bwa Afrika
dimanche 21 Myandagaro 2016, par
Urunani rushasha rw’abatavuga rumwe na Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo rwiyamirije ibiganiro bisabwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.
Mu rwandiko rwasohoye inyuma y’inama yihutirwa, urwo runani rwagirije umuhuza w’ubumwe bwa Afrika, Edem Kodjo, kuba ashaka gukora uko ashoboye kugira umukuru w’igihugu Joseph Kabila agume ku butegetsi ikiringo ca gatatu, hirengagijwe ibwirizwa shingiro.
BBC ivuga ko urwo runani rwahamagaje imyiyerekano izoba kuri uwa wa kabiri, umunsi umuhuza Edem Kodjo, yahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Togo, yagenye kugira uzobereko intangamarara y’ibiganiro, inyuma y’aho Reta irekuriye bamwe mu bari bapfungiwe imvo za poritike.

Amatora muri Congo yategerezwa kuba mu kwezi kwa cumi na kabiri, ariko yaratebejwe. Sentare ntahinyuzwa ya Congo ikaba yaramaze kuvuga ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila ashobora kuguma ku butegetsi gushika igihe ayo matora azobera.
IGIHE