Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Etienne Tshisekedi yatahutse i Kinshasa
RDC: Etienne Tshisekedi yatahutse i Kinshasa
jeudi 28 Mukakaro 2016, par
Imyuma y’imyaka ibiri atari mu gihugu, umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta wa UDPS, yasubiye mu gihugu ciwe ca RDC.

Etienne Tshisekedi yashitse i Kinshasa ku mugwa mukuru wa republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, inyuma y’umutaga, aho yari arindiririwe n’abantu isinzi.
Atahutse mu gihe himirije kuba ibiganiro bihuza bose "Dialogue national" aho vyitezwe ko azogiramwo uruhara rukomeye. Bamwe mu bayoboke biwe bavuga ko ari we bipfuza ko atwara ikiringo mfatakibanza mu gihe prezida Joseph Kabira atotegura amatora ku gihe.
Yamaze ikiringo c’isaha yose mu ndege, imbere y’uko yururuka, abajejwe umutekano baguma bakurakuranwa binjira mu ndege yamuzanye bongera basohoka.
Yaciye agana ku muhana iwe, bikaba bitegekanijweko ashikiriza ijambo abayoboke biwe itariki 31 z’ukwezi kw’umunani.


IGIHE
Messages
28 Mukakaro 2016, 09:52, par Muyahudi
Emw Nomurikongo Nikibazo Kubijany Nikiringo Africa Nukwiyumiza Kubutegetsi! Kabira Ntibizoroha Kugira Akiveko