Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Etienne Tshisekedi yatahutse i Kinshasa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Etienne Tshisekedi yatahutse i Kinshasa

RDC: Etienne Tshisekedi yatahutse i Kinshasa

jeudi 28 Mukakaro 2016, par Jean De Dieu

Imyuma y’imyaka ibiri atari mu gihugu, umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta wa UDPS, yasubiye mu gihugu ciwe ca RDC.

Etienne Tshisekedi yashitse i Kinshasa ku mugwa mukuru wa republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, inyuma y’umutaga, aho yari arindiririwe n’abantu isinzi.

Atahutse mu gihe himirije kuba ibiganiro bihuza bose "Dialogue national" aho vyitezwe ko azogiramwo uruhara rukomeye. Bamwe mu bayoboke biwe bavuga ko ari we bipfuza ko atwara ikiringo mfatakibanza mu gihe prezida Joseph Kabira atotegura amatora ku gihe.

Yamaze ikiringo c’isaha yose mu ndege, imbere y’uko yururuka, abajejwe umutekano baguma bakurakuranwa binjira mu ndege yamuzanye bongera basohoka.
Yaciye agana ku muhana iwe, bikaba bitegekanijweko ashikiriza ijambo abayoboke biwe itariki 31 z’ukwezi kw’umunani.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.