IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Moise Katumbi yinjiye ku mugaragaro mu batavuga rumwe na Joseph (...)

RDC: Moise Katumbi yinjiye ku mugaragaro mu batavuga rumwe na Joseph Kabila

lundi 4 Nzero 2016

Moise Katumbi yahoze ari buramatari w’intara ya Katanga muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yamenyesheje ku mugaragaro ko yinjiye mw’ihuriro ry’abadashigikiye ko amatora yigizwayo hamwe n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila Front Citoyen 2016.

Moise Katumbi yabimenyeheje kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 3 Nzero 2016.
Kuba Moise Katumbi yamenyesheje ko yinjiye mu murwi w’abadashigikiye ikiringo ca gatatu ca Joseph Kabila nta gitangaza kirimwo kuko uryo huriro rigishingwa vyari vyaciye bivugwa ko nawe arimwo.

Abandi bakomeye bari muri iryo huriro ni Vital Kamerhe yahoze arongoye inama nshingamateka, Félix Tshisekedi umuhungu wa Etienne Tshisekedi atavuga rumwe n’ubutegetsi, Ève Bazaiba umunyamabanga mukuru w’umugambwe MLC n’abandi banyapolitike batandukanye.

Moise Katumbi w’imyaka 50 yavuye mu mugambwe uri ku butegetsi mu kwezi kw’icenda 2015,akaba ari muri bamwe bakomeye badashigikiye Joseph Kabila.


IGIHE

Messages

  • NIMUBIGERAGEZE MUSHINGIBIBIRI NKABIMWE VYABO MUBURUNDI NIMWABA MURIBESHI MUZOTSINDA NIMWABA MURIBAKE NAHO MUZOTSINDWA NKABO MURI ADC IKIBIRI NUBU BARACIRUKA NAMWE NIYO KABIRA YABA AKOMEYE NKA NKURUNZIZA MUZOCA MUTANGURA GUKWIRAMAHANGA MUHUNGA KUVUGA NAHO NGO MURIBESHI MUZOSANGA MURIBESHI MUTAG IRIJAMBO NKABO MURI ADC IKIBIRI UMENGA NTABWENGE BAFISE

  • NIMUBIGERAGEZE MUSHINGIBIBIRI NKABIMWE VYABO MUBURUNDI NIMWABA MURIBESHI MUZOTSINDA NIMWABA MURIBAKE NAHO MUZOTSINDWA NKABO MURI ADC IKIBIRI NUBU BARACIRUKA NAMWE NIYO KABIRA YABA AKOMEYE NKA NKURUNZIZA MUZOCA MUTANGURA GUKWIRAMAHANGA MUHUNGA KUVUGA NAHO NGO MURIBESHI MUZOSANGA MURIBESHI MUTAG IRIJAMBO NKABO MURI ADC IKIBIRI UMENGA NTABWENGE BAFISE

  • Biramaze kwibonekezako hari abantu bashobora kugwanya ubutegetsi imyaka nimyaka ariko bakananigwa. bagahita barambigwa nokuba mumshamba bakitahira.

    imbere yuko ugwanya perezida canke reta arongoye banza. witegereze iyo reta. yujuje ibibikurikira musi:

    * kuba iyo reta iahigikiwe na 70 cable 80% yabanyagihugu

    *kuba iyo reta ishigikiwe nigisoda, igipolice , nizindi nterahwe .........et....

    *kuba iyo reta ishigikiwe nibihugu 4 canke 6 ntahangagwakwisi mubijanye nubutunzi canke intambara.

    *kuba iyo reta. yafashe igihugu. biciye mukurasana(imigwamo)

    rero umaze kubona reta yujuje ibibintu mpejeje kudondagura. rekagutakaza umwanya. wawe ngo uriko urayigwanya. kuko ahigwe yo kuyinesha ninka 3%

    uwugusumvya. ibijumbu agutwara. imbwa, uwuri. ninkwi. afungura. ibihiye

    kadafi. yarakubiswe kuko ntiyari. yujuje. I vyo. ubona hejuru. iyazakuba. avyujuje icumacariguhura nikindi bikagongana

    umucanwa. wariguhura. nuwundi.

    raba akarorero. kuri reta ya Bujumbura irakwijije ivyovyose ubona. hejuru rero abayigwamya ntibazorohegwa ndakurahiye kuko ahigwe nimake.murakoze! iyi ni impanuro kandi idasanzwe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.