RDC:Umwami mushasha w’abafulero yarimitswe mu kiyaya ca Rusizi

Yanditswe na Mugisha Van Naris
Kuya 5 janvier 2013 saa 03:28
Yasomwe : 3015
0 0

Simba Bukuru umuhungu wa Simon Simba Ndare II yahora arongoye ubwoko bw’abafulero yapfiriye mu bitaro vy’ INaïrobi muri Kenya itariki 22 kigarama 2012, yarimitswe ngo asubirire se wiwe kurongora ubwoko bw’abafulero bo mu gihugu ca Kongo iharanira demokarasi.
Ubwoko bw’abafulero bo mu gihugu ca Kongo iharanira demokarasi, bwarimitse umwami mushasha nawe akaba ari Simba Bukuru umuhungu w’umwami Simon Simba Ndare II yitavye Imana itariki 22 Kigarama 2012 I Naïrobi mu gihugu ca Kenya.Intumwa (...)

Simba Bukuru umuhungu wa Simon Simba Ndare II yahora arongoye ubwoko bw’abafulero yapfiriye mu bitaro vy’ INaïrobi muri Kenya itariki 22 kigarama 2012, yarimitswe ngo asubirire se wiwe kurongora ubwoko bw’abafulero bo mu gihugu ca Kongo iharanira demokarasi.

Ubwoko bw’abafulero bo mu gihugu ca Kongo iharanira demokarasi, bwarimitse umwami mushasha nawe akaba ari Simba Bukuru umuhungu w’umwami Simon Simba Ndare II yitavye Imana itariki 22 Kigarama 2012 I Naïrobi mu gihugu ca Kenya.Intumwa z’intara eka mbere n’izigihugu cose zari zitavye ivyo birori vyabereye ku ngoro y’umwami iri I Remera nko ku birometero 40 uvuye ku rubibe rw’UBurundi na Kongo.

Umwami mushasha akaba yasavye ababa muri ako karere ko bokwibagira ibibatandukanya bifatiye ku bwoko bakaja hamwe kugira bubake ubumwe n’amahoro arama hagati yabo.Akaba yemeye ko azogendera ku karorero ka se aheruka kwitaba Imana mu guhuza amoko yose ari mu bwami bwiwe.

Kubwo intumwa y’umukuru w’igihugu ca Kongo muri ivyo birori,yasavye ko abo mu muryango wiwe bomuguma hafi bakongera bakamubera mu kibanza igihe azoba atari hafi,akaba yaranezerejwe n’ingene ibirori vyabaye mu mutekano mu gihe vyavugwa ko hashobora kuba umutekano muke uvuye k’utumvikana hagati y’abo mu bwoko bw’abafulero n’abo mu bwoko bw’abarundi baba mu kiyaya ca Rusizi.

Twobamenyeshako uwo mwami mushasha ariho agiheza amashuri yisumbuye akaba yitegurira kuja muri kaminuza.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha