Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Reta ya Amerika iremeza urupfu rw’umukuru wa Al Shabaab
Reta ya Amerika iremeza urupfu rw’umukuru wa Al Shabaab
samedi 6 Nyakanga 2014
Uwahora ari umukuru w’umurwi w’iterabwoba wa islam uhurikiyemwo abarwanyi ba Al Shabaab, Ahmed Abdi Godane yaguye mu gitero c’indege cakozwe n’ingabo za Reta Zunze ubumwe za Amerika, kuri uwu wa gatanu.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama vyasohoye itangazo rimenyesha urupfu rwa Ahmed Abdi Godane, umukuru w’abarwanyi ba Al Shabaab. Muri iryo tangazo bavuga ko urwo rupfu rwa Ahmed Abdi Godane rugiye kuzovuna inkokora abarwanyi ba Al Shabaab bakorana na Al Qaeda. N’urundi rwandiko rwavuye mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi ruvuga ko urupfu rwa Ahmed Abdi Godane, rufise insiguro ikomeye, kuko ari ugutakaza gukomeye ku bikorwa vya Al Shabab.
- Ahmed Abdi Godane, umukuru w’abarwanyi ba Al Shabaab
Ico gitero cahitanye Ahmed Abdi Godane bivugwa ko cagizemwo uruhara rukomeye n’abasirikare karuhariwe ba Amerika, kikaba cabereye mu bumanuko bwa Somaliya ku munsi wa mbere. Indege za Reta Zunze ubumwe za Amerika zateye ibisasu ahari abayobozi bakuru ba Al Shabab bari mu nama, inzu barimwo irabomoka, hakaba hari mu murwa mukuru wa Somaliya, i Mogadiscio.
Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika kimenyesha ko hari haheze imyaka myinshi gikora ibitero kuri abo barwanyi, ariko Ahmed Abdi Godane, umukuru wa Al Shabaab akarokoka.
Umurwi w’iterabwoba wa Al Shabab umaze imyaka myinsi urwanya Reta ya Somaliya, ugakora n’ibindi bitero mu bindi bihugu. Aho twobibutsa igitero giheruka ku nzu y’ubudandaji "Westgate" iri mu gihugu ca Kenya, ku murwa mukuru Nairobi. Ico gitero cahitanye abantu bashika mirongo itandatu n’indwi.
Ahmed Abdi Godane, umukuru wa Al Shabaab agandaguwe ku myaka 37, akaba yari umwe mu ndongozi za Al Shabaab. Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cari cemereye imiriyoni 7 z’amadorare y’abanyamerika, ku muntu yari gutanga amakuru y’ifatwa ry’uwo mukuru w’abarwanyi ba Al Shabaab.
Egide Nduwimana
Messages
6 Nyakanga 2014, 16:24, par Mama
womengo yarimaze imwanka irenga 50 yamavuka umurevye!
6 Nyakanga 2014, 21:48, par NIYONGABO Juvenal
Turashimye imyitwarariko ya reta zunzu ubumwe za amerika mukurwanya iterabwoba kw’isi nukuba babandanya guca inguvu umuhari Al Shabaab.
Iyo nintumbero nziza cane kuko iterabwoba biri mubi hanze isi uyu munsi tukaronkeraho akanya ko gutera inguvu uwo wese arwamya iterabwoba kw’isi.
Ndagije nvuga nti niharambe kurwamya ibikorwa vyose vyiterabwoba, n’ugukwiza umudugararo kwisi.
7 Nyakanga 2014, 14:39, par nwari
murazana iyo bombe mutere imbonerakure niho umuntu yobashimira kuko ivyo zikora biruta ivyo muri somalie
7 Nyakanga 2014, 20:48, par Mama
@Mwari!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!eeeeeeeeeee!!!!!!!!! urahumiwe mwana wamama! vyokunda kohoterwa iyobombe igahitana izombonerakure wita abasibawe!? Mbega wibaza kumuti wogukemura ibibazo ufise arayoma bombe kombona nomukibano uhafitiye ingorane zagahomeramunwa? Mbere nahowakabaye hose uguma ufisingorane zakatarabako.Mbega wobawibuka abana babahungu batikiriye murugamba Herode yariyatanguje rwokuronde Yesu ngobamwice? Abantu bashigikiwe nawe bizobagora guterimbere.!
7 Nyakanga 2014, 21:57, par Cyrille
Nakare uwuhana inzoka ayica umutwe Imana ifashe amisom,ifashe USA.
8 Nyakanga 2014, 13:57, par nwari
@mama umuti mwiza kugihugu nabakihamwo:nuyu:urigisha ibigugu ukavyereka izira ziza ?vyase akakura mwo ibihweba vyamaze kwononekara ncane akabandanya wigisha bimwe bisigaye kuko kwawe
8 Nyakanga 2014, 14:49, par MBIMBI
Emwe satani ni mubi pee!! None nk’ico Kibondo yakwegeye mu bubi bungana uko ese ubuto bwiwe iyo abukoreramw’IMANA yoramvye kandi akazoronka n’Igitsibo!! None aragiye kurindira urubanza rw’ibibi yakoze!!