IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Reta ya Somaliya yishe abarwanyi ba Al-Shabab umunani

Reta ya Somaliya yishe abarwanyi ba Al-Shabab umunani

jeudi 23 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abategetsi ba Somaliya bamenyesha ko igisirikare ca Reta cishe abarwanyi umunani b’umuhari wa al-Shabab bongera bafata inkoho n’amasasu mu gitero bakoze ku musi wa gatatu mu gice co hagati ca Somaliya.

Umusirikare wa Somaliya w’ipete rya Colonel, Ahmed Mohamed Tredishe yabwiye ijwi ry’Amerika dukesha iyi nkuru, ko ku munsi wa gatatu ico gitero cabereye mu micungararo y’igisagara ca Masagawa, kiri hafi y’ahitwa El Dheer, mu ntara ya Galgaduud. Yamenyesheje ko umusirikare umwe wa Reta nawe yahasize ubuzima.

Ico gisagara ca Masagawa kiri mu bumanuko bwa El-deer, kandi cari kimaze imyaka itari mike mu minwe ya al-Shabab.

Al-Shabab yaratoza amatagisi ku banyagihugu baho, bituma bamwe mu banyagihugu bashavura bahitamwo kwiyunga n’imihari y’abarwanyi yashimye gufasha abasirikare ba Reta bo muri iyo ntara.

Ico gitero kibaye mu gihe abategetsi bo ku rwego rw’igihugu n’intara bari mu gisagara ca Baidoa, mu bumanuko bushira uburengero bwa Somaliya, aho bariko baganira ku matora ico gihugu cimirije gutunganya mu kwezi kwa munani, uwu mwaka w’2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.