Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Reta ya Somaliya yishe abarwanyi ba Al-Shabab umunani
Reta ya Somaliya yishe abarwanyi ba Al-Shabab umunani
jeudi 23 Ruheshi 2016, par
Abategetsi ba Somaliya bamenyesha ko igisirikare ca Reta cishe abarwanyi umunani b’umuhari wa al-Shabab bongera bafata inkoho n’amasasu mu gitero bakoze ku musi wa gatatu mu gice co hagati ca Somaliya.
Umusirikare wa Somaliya w’ipete rya Colonel, Ahmed Mohamed Tredishe yabwiye ijwi ry’Amerika dukesha iyi nkuru, ko ku munsi wa gatatu ico gitero cabereye mu micungararo y’igisagara ca Masagawa, kiri hafi y’ahitwa El Dheer, mu ntara ya Galgaduud. Yamenyesheje ko umusirikare umwe wa Reta nawe yahasize ubuzima.

Ico gisagara ca Masagawa kiri mu bumanuko bwa El-deer, kandi cari kimaze imyaka itari mike mu minwe ya al-Shabab.
Al-Shabab yaratoza amatagisi ku banyagihugu baho, bituma bamwe mu banyagihugu bashavura bahitamwo kwiyunga n’imihari y’abarwanyi yashimye gufasha abasirikare ba Reta bo muri iyo ntara.
Ico gitero kibaye mu gihe abategetsi bo ku rwego rw’igihugu n’intara bari mu gisagara ca Baidoa, mu bumanuko bushira uburengero bwa Somaliya, aho bariko baganira ku matora ico gihugu cimirije gutunganya mu kwezi kwa munani, uwu mwaka w’2016.
IGIHE
Messages
23 Ruheshi 2016, 17:11, par EDOUARD
AHUBWO NIBAKOVYE
24 Ruheshi 2016, 05:58, par jean
nibabarwanye bikomeye izontagondwa batazi imana yukuri
24 Ruheshi 2016, 20:07, par MINANI,ALOYS
IMANA,NIFASHE,ICOGIHUGU,KIVEMUMWIJIMA,KIRONKUBWIGENGE,NINDONGOZIZACO
25 Ruheshi 2016, 15:21, par Matwi Jean
Izontagondwa Zaba Al-shabab Zankako Igihugu Gitera Imbre Nibaztuze
25 Ruheshi 2016, 20:20, par NDUWAYO,ALBERT
AHUBWO,IYOBICA,MIRONGOUMUNANI.
28 Ruheshi 2016, 00:13, par .
Mujeri