IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Reta ya Tanzania yugaye radiyo zibiri zigenga

Reta ya Tanzania yugaye radiyo zibiri zigenga

mardi 30 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta ya Tanzania yafashe ingingo y’ukwugara vy’agateganyo radiyo zibiri zigenga zikekwako kubiba urwanko mu banyagihugu, zagirizwa kandi gutyoza umukuru w’igihugu w’ico gihugu, John Pombe Magufuli.

Izo radiyo zugawe ni Radio 5 ikorera mu gisagara ca Arusha, hamwe na Magic FM ikorera i Dar es salaam, zompi zikaba zari mu zikunzwe cane muri ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe itangazamakuru, Nape Nnauye, yategetse urwego rw’igihugu rugenzura itangazamakuru (Tanzania Communications Regulatory Authority, TCRA) kuzikorako iperereza, ndetse no kuzifatira ibihano bikwiye.

JPEG - 140 ko
Umushikiranganji ajejwe itangazamakuru, Nape Nnauye

Yavuze ko izo radiyo zacishijemwo ibiganiro vyabangamiye umutekano w’abanyagihugu, hamwe n’imibereho yabo myiza.

Nta nsiguro zirambuye zatanzwe na Reta, ikivugwa gusa akaba ari uko ayo maradiyo yagirizwa ko yatanga ubutumwa butyoza umukuru w’igihugu John Magufuli.

Mu kwezi guheze, Reta ya Tanzania yafatiye iyo ngingo y’ukwugara, ku kinyamakuru citwa Mseto, cagirijwe ko canditse amakuru y’ibinyoma.

Reta y’ico gihugu yaheruka kandi kwaka uburenganzira bwo gukora, ku binyamakuru 473 vyiyandikishije, ariko bikaba vyari bimaze imyaka itatu yikurikiranya bidakora.


IGIHE

Messages

  • Sale temps pour les média africains!!! Nous avons , en afrique, toute une génération de dictateurs , je pense que nous avons besoin d’hommes politiques nouveaux .

  • Tanzanie izobona amakuba akomeye kuko baherutse kuhatora.gaz nyinshi ivyo rero vyam radio yugaw kubera kugomba kubiba urwanko mubaturage bashobora gusanga urwanda rubifisemwo ukuboko mwibanga ntangere président magufuri attention avec kagame!!!wamugize umugenzi wawe cane urabaza Peter

  • @Philibert
    "...je pense que nous avons besoin d’hommes politiques nouveaux ."

    Pombe Magufuli, est-il si vieux que cela en politique?

  • Fait Atention Magufuli Le Rwanda Va Te Faire Du Mal Avec Kagome!!

  • @Neilla,qu’est ce tu veux?parle du Burundi pcq je vois pas le role du Rwanda ds cette article et puis si t’as peur du Rwanda t’as raison c’est le pays puissant dans notre sous région,calme toi nous n’avons pas des dirigeants

  • @Chelissa,mbe mwashavujwe nuko Kikwete alias Gikweto yavuyeho??hhhaahh ngo Magufuli arekane na HE Kagame uribeshya cyane na Peter aricuza wangu, rebera kuri HE Kabila

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.