IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Rwanda : Ibiganiro vya radiyo BBC vyahagaritswe

Rwanda : Ibiganiro vya radiyo BBC vyahagaritswe

samedi 25 Gitugutu 2014

Ireresi “Rwanda’s Untold Story” niyo yabaye inkwezi y’ukutumvikana hagati y’iradiyo BBC Gahuzamiryango na Reta ya Kigali.

Iyo radiyo rero ikaba yugawe inyuma y’aho icishirije iyo reresi abanyarwanda bavuga ko isa n’ihonyanga agateka k’abahuye n’ihonyabwoko ry’abatutsi ryabaye muri ico gihugu, ndetse ikavuga nabi n’igihugu c’Urwanda. Imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo radiyo ikaba yaratunganijwe mu gisagara ca Kigali n’abanyeshure bo muri za kaminuza n’abandi, aho biyamiriza iyo reresi na radiyo BBC.

Urwego rero ruraraba uko ibiganiro bitunganywa aho muri ico gihugu, rukaba rwafashe ko ibiganiro vy’iyo radiyo yo mu gihugu c’Ubwongereza isanzwe icisha ibiganiro vyayo mu ndimi z’ikirundi n’ikinyarwanda igihe c’isaha 12 n’igice z’umuhingamon’isaha zibiri n’igice z’ijoro, kuba birahagaritswe aho mu Rwanda ivy’agateganyo.

Mukamenya ko atari irya mbere ivyo biganiro vy’iyo radiyo bihagarikwa, kuko no mu mwaka w’2009 vyugawe kuri radiyo.


Aristide Nizigire

Messages

  • BBC izaze itobera uduhugu tudakomeye nk’u Burundi, Somalia, Haiti ariko apana ku gihugu nk’u Rwanda

  • gukomera kwigihugu gushingiye kuki!

  • Jewe mazekubona amabi yatewe nabitwa intotanyi bu Rwanda nokubandanya mubihugu bibanyi vyu Rwanda ariko amakungu nibihugu vyibihangange bagakomeza kuvugango uwariyoboye izonkotanyi ngonigihangange ngobaramwemera, vyatumyenibazako twese twopanga gukora amabi nkayo Inkotanyi zakoze kukiranatwe amakungu atwite ibihanganje. Namwenimurabe ngahamuburundi harabaherutse kudambikanyabavugango hariko hatategurwa jonuside ibihuguvyose vyibihangange vyahagurukiye icarimwe, ariko abanyarwanda bamaze imyaka bavugango: nitwebwe twahanuye indege yarimwo umukuruwigihugu cu Rwanda nuwu Burundi womengo ayomakungu ntabumva! Nkacanibaza nti barindiriye ko harindakurwibara nkiryaguye muri 94 mu Rwanda!?

    BBC IRAKOZE KWEREKANA UKURI WIVYABAYE BITIGEZWE BIVURWA IBIRINYUMA BIRAHINDA KUGIRA TWEMEZE ABAGIKOMEJE KUREREKERA

  • Ariko abantu murantwenza mkuwuvuze ngobaze bakinira muburundi Ngo anpana Urwanda ese kagame arakime kurusho ukwo Mobutu yarakomeye abanyamerika bamwita kwari umwaka wabo ese urwa rwaba rukomeye kurusha ukeo iraque yarikomeye bikorera intwaro zarutura Libia nukwo ubuse barihe mukomeye mwe mutagira nikiwanda gikora amasasu vyonyeni nubukomwzi ko mwokwishimira bamuretse nibabahinduka mkakomunda nibwo muzamenya icarico umuzungu.nimujore ivyomwishakiye nuko bagicunze inyungu zabo nizihera muzobamenya kandimana niyomjura ibindivyo murihenda cane murakoze.

  • yoba arinde?azi ngo igihugu c,Uburundi kidakomeye.uwo vyoba arivyo yiyumvira sivyo azi.Burundi bwacu uragahorana ubwitonzi niho amahanga yose azohaguruka kuraba ubwiza bwawe;ubwenge n,ubukerebutsi,kwubaha abakuru n,abato,(abarundi n,abanyamahanga.)

  • Rudahigwa eka uri igicucu kweri ubona ko Urwanda arigihugu cigihangange!! Baragutwenze kweri karya kuri amerika ntikanangana na iraque Kagame nawe muhaya nimurindire bazomugira nka Kadaffi ntuze usubire kuvuga Uburundi kuko ntanubwo wavukiyemwo twebwi ivyacu tuzovyimenyera nkabarundi raba iwanyu murwanda BBC nayo naho itovugira mu rwanda yovugira nahandi

  • twokwemerako bakomeye cane,aruko iyo radio bbc bayifutishije. berekane ubwobukomezi fafise. nibareke ukuri kujahabona bareke kwigira abera sha.

  • BBC yavuze ukuri kwahora kwama kuvugirwa mu ntamatama.

  • Mwabarundi mwe!!!! niba mwaremeye kuba isinangufi,,, mureke u rwanda rwange akarengane dukorerwa nabazungu. namwe nimwigumire mu bukene mubusinziriremo ngo muranga kumera nka kaddafi na Mibutu. Kagame ntimumutege iminsi kuko Imana ye ntaho yagiye!!!! kandi ukuri guca muziko ntigusshya. mwikomereze mubukoroni bwanyu twebwe turakomeje mwiterambere no kurwanya ruswa. mugumane icyo giturire nanyakatsi zanyu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.