Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sierra Leone : Icegera c’umukuru w’igihugu yahunze
Sierra Leone : Icegera c’umukuru w’igihugu yahunze
lundi 16 Ntwarante 2015
Icegera c’umukuru w’igihugu wa Sierra Leone ari mu kinyegero ku gutinya kugandagurwa, ndetse bikavugwa ko yoba yamaze n’ukwaka ubuhungiro mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika.

Samuel Sam Sumana ari mu buhungiro kuva kuri uyu wa gatandatu ku mugoroba, aho yahungiye mui imwe mu nyubakwa y’uwuserukira igihugu ciwe muri Sierra Leone. Bikavugwa ko abasirikare batari bake bagiye iwe, inyuma yaho yagirijwe n’umugambwe uri ku butegetsi ko ashaka gushinga umugambwe wiwe
Samuel Sam Sumana icega c’umukuru w’igihugu asanzwe ava mu mugambwe uri ku utegetsi, akaba abeshuza ivyo yagirijwe, vyanatumyev akurwa mu mabanga yiwe kuri uyu wa 6 Ntwarante.
Samuel Sam Sumana akaba yaciye ata urugo rwiwe arahunga, amaze kwumva umugambi wo gushaka kumugandagura, abasirikare batari bake, bakaba aribo baboneka ku muhana iwe, kuva kuri uyu w’Imana. Samuel Sam Sumana rero aho yahungiye kugeza ubu ntiharamenyekana neza, Reta zunzubumwe z’Amerika zabeshuje ko atahungiye mu buserukizi bwabo, ariko amakuru yo yogusaba ubuhungiro, Reta zunzubumwe z’Amerika ntizivyemeza canke ngo zibihakane.
Aristide Nizigire
Messages
16 Ntwarante 2015, 21:05, par Pita Rusizi
Ewe ivy’ubutegetsi biragoye gusobanura,none iyo bikekanye ningombwa bicane.?
17 Ntwarante 2015, 16:29, par Boubou
None gushaka gushinga umugambwe conyene nico coca gituma bamwirukako? Ewe Africa sha urigorewe!!! Abitwa ngo barazi ubwenge baburushwa n’inda zabo.
Hazotinda hagere aho démocratie itahurwa n’aba nya africa ? Finalement , nibapfume baheba intwaro zishingiye ku migambwe abanya africa batore ubundi buryo bwo gutwara igihugu kuko Démocratie yoyo iriko irarengerwa .None dushaka ko bigenda gute? Turekere igisoda gikomeze kwitwarira igihugu nk’aho hamber hahise? Tureke Umwami agaruke ku Ngoma nka kera ? Dukore iki BARUNDI MWE? Jewe niphuza basi ko hoba ukuganira profondement kw’abarundi bose bo mu ntara zose , bo mu bwoko bwose y compris les baganwa hamwe n’abo muri société civil , igisirikare n’igipolisi, imigambwe , les confessions religieuses eka imice yose y’abarundi bicarane atawuruta uwundi , atawushaka gutamika ijambo uwundi, atawishira hejuru , atawiyerekana ko aruta uwundi, atakagagazo,atakwikwegerako , atakwishimira ubwinshi canke ubwenge, ...., batwigire démocratie ibereye uburundi , mbere ibereye Africa .Intwaro izoba ishingiye ku mico myiza y’uburundi ( urukundo, ukubaha abantu n’ivyabo, urupfasoni, ukuri, intahe itagira agahonzi , ubutwari).Intwaro itisunze iyo mico myiza ntizopfa iramye kandi harageze ko iyo mico igaruka , kanatsida niyo yotuviramwo intwaro ya démocratie y’ukuri abarundi bipfuza. Igihe n’iki abarundi bararuhishijwe n’intwaro zica zigakiza , zicisha inkota n’inzara , zicisha abantu umunanu kandi zikaguma zisuzugura abanyagihugu. Démocratie y’uburundi ntigoye gusshinga kuko tuyisanga mu ntwaro kama y’uburundi: rabira mu ntwaro za CAMI .mwari bwumve aho abantu bicwa ikivunga ngo bahowe ubwoko? Mwari bwumve aho abantu batemana bapfa amatongo? Mwari bwumve ubusuma mu batwara nk’ubwo twumva ubu? Mwari bwumve amabi akorerwa abakenyezi nk’ubwo twumva ubu? Mwari bwumve intambara z’amoko nk’izo tubona ubu ? Mwari bwumve ububeshi bw’abategetsi nk’ubwo twumva ubu? mwari bwumve ugutukana kw’abanya politique nk’uko tuvyumva ubu? Mwari bwabone abikumirako amatungo y’igihugu nk’abo tubona ubu? ,.....Umwami hageze ko atanga ntiyahigimanga kandi ata bwirizwa nshingiro ryari rihari , baca bamurabira agakombe k’ubuki mu mutekano nta ngere ku neza y’igigigu.Muca mwumva ko ineza y’igihugu yari hejuru y’ubuzima bw’umwami n’abandi bantu abari bo bose. None ko yemera agatanga ubuzima bwiwe ntimwumva ko UMWAMI yakunda igihugu ? None muri ivyo vyose nadongaguye nta Démocratie à la burundaise mwumva ibereye uburundi bw’iki gihe twokuramwo?
Novuga vyinshi ariko ukuvuga menshi siko kuyamara ariko uwirirwa arigisha urwaruka kwica nabihagarike twicare hamwe dutorere inyishu hamwe aho kuryana nk’udukoko two mw’ishamba tutagira ubwenge ( loi de la jungle).