Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Simone Gbagbo yemeza ko umugabo wiwe yakuwe ku butegetsi n’Ubufaransa
Simone Gbagbo yemeza ko umugabo wiwe yakuwe ku butegetsi n’Ubufaransa
mardi 24 Ruhuhuma 2015
Simone Gbagbo umukenyezi wa Laurent Gbagbo yahoze arongoye igihugu ca Cote d’Ivoire abandanya kwemeza ko umugabo wiwe ariwe yari yatsinze amatora yo mu mwaka w’2010, akurwa ku butegetsi n’igihugu c’Ubufaransa.

Ivyo Simone Gbagbo akaba yabivuze igihe yari yasubiye kurengutswa muri sentare, aho apfunzwe yagirizwa ko yashatse guhungabanya umutekano w’igihugu. Uwo mukenyezi akaba atari bwigere avuga imbere ya sentare kuva afatwa, agatabwa muri yompi mu mwaka w’2011. Simone Gbagbo avuga ko ivyo yagirizwa vyose ari irementanya, ko atanakimwe yafatanywe icerekana ko yashatse guhungabanya umutekano w’igihugu. Uwo mukenyezi asanzwe atazirwa "Dame de fer ivoirienne", avuga ko ibiriko birabashikira be n’umugabo wiwe asanzwe apfungiwe i La Haye, vyatewe na Nicolas Sarkozy yahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, aho amwagiriza ko yabagomoreyeko igisirikare ciwe, kikabakura ku kirimba, kandi Laurent Gbagbo yari yatsinze amatora.
Uwo mukenyezi w’imyaka 65 akavuga ko yahohotewe n’abasirikare b’Ubufaransa bafashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abo bose bari kumwe n’abarwanyi ba Guillaume Soro asanzwe ari umukuru w’inama nshingamateka y’ico gihugu, hamwe n’aba Alassane Dramane Ouattara.
Aristide Nizigire
Messages
24 Ruhuhuma 2015, 20:43, par NDAVUGASIMVURA
pfa neza ikirimba kirakundwa.