IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: Abantu 20 baguye mu bitero i Mogadiscio

Somalia: Abantu 20 baguye mu bitero i Mogadiscio

vendredi 22 Nzero 2016

Abantu 20 nibo bapfuye,abandi 20 barakomereka mu gitero cabaye ku mahoteri abiri ari ku murwa mukuru wa Somaliya Mogadiscio.

Umushikiranganji w’umutekano muri Somaliya Abdirisak Omar Mohamed yabwiyeiradiyo y’abongereza BBC ko ivyo bitero vyabereye ku mahoteri Lido Sea Food na Beach View.

Umugwi w’abarwanyi biyitirira idini rya islam, al-Shabab, wamaze kwemeza ko ariwo wakoze ivyo bitero. Abo barwanyi kandi bagize ingwati abari baraye muri izo hoteli n’abakozi baho, mu kiringo c’amasaha ane.

Abategetsi ba Somaliya, bavuze ko abajejwe umutekano bashoboye kwigarurira izo hoteri, kandi ko umwe mu bateguye ico gitero yafashwe.

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia, Omar Abdirashid Ali Sharmarke, yiyamirije ivyo bitero, avuga ko biteye ari ibiterasoni.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.