Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia : Abashikiranganji babiri n’abashingamateka benshi bakomerekeye mu (...)
Somalia : Abashikiranganji babiri n’abashingamateka benshi bakomerekeye mu gitero
mardi 30 Myandagaro 2016, par
Igisasu ca bombe cari gitezwe mu modoka caturikiye hafi y’ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Somalia. Iyo bombe yahitanye abantu barenga mirongo ibiri.
Iyo modoka yasetse uruhombe rw’ihoteri SYL, ikibanza abategetsi ba Reta ya Somaliya bakunda guhuriramwo, muri abo bitavye Imana, batandatu akaba ari abapfasoni.

VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko mu bakomeretse, harimwo umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu, umushikiranganji wa Reta ajejwe kwivuna abansi, abashingamateka batari bake hamwe n’abamenyeshamakuru babiri.
Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Mohamed Abdi Hayir Maraye, yabwiye Ijwi rya Amerika ko bari bazi ko abarwanyi bariko bategura ibitero bitatu vy’amabombe ku murwa mukuru, Mogadisho, muri iyi ndwi.

Babiri mu bagize ico gitero bafashwe n’inteko za Reta, ariko akaba ata wuriyitirira ico gitero. Yamara abantu bikeka ko yoba ari umurwi al-Shabab, umaze igihe ugerageza gutembagaza Reta ya Somalia.
Uwo murwi kenshi uragira ibitero ku mahoteri, aho abategetsi ba Reta baba canke bahurira.
Igitero c’imbere y’aho cabaye kw’ihoteri SYL, mu kwezi kwa kabiri, cahitanye abantu icenda.
IGIHE
Messages
31 Myandagaro 2016, 09:09, par ADBOUL
AMERICAN YIGIRA NGO IRANYAYE NA ONU KITANESHA ABO BAGABO HAMA IRUNGIK ABASODA MUBURUND .AHO NTABASODA BA ONU UA BARIYO.ABO TUGAMATUBASIBIRA NTIBAZOTSINDA ARAHUM AMIN.
31 Myandagaro 2016, 11:46, par NYAMITWE
Ikimbabaje nizonzirakarengane zaguye mumporero,ahobotumbereye ahari vyabinywa maraso vya amisom vyagiyeyo kubwinzara nubukene,niwabu bibananiye
31 Myandagaro 2016, 13:49, par Umu Isilamu
Al Lahu Akbar(Imana Niyo Nkuru) Bareke Aba Isilam Batware Igihugu Cabo, Abo Bashonji Bariyo Ahubwo Bazoherereyo, Kuko Bari Muvyo Batazi
1er Nyakanga 2016, 04:40, par Clement
nukuri turasavye baba polisi ubufaransa na onu bipfuza kurungika muburundi,ni babarumgike muri somalie.Twebwe turitekaniye bagomba ahobanywa amata ee nibagende muri somalie bagende kubanguranya baje hati yabapfa ubutegetsi.Muburundi bazohagarara hagati yabande?uko uko.