Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalia: Al-shabbab yigaruriye igisagara ca Al-Adde - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: Al-shabbab yigaruriye igisagara ca Al-Adde

Somalia: Al-shabbab yigaruriye igisagara ca Al-Adde

mercredi 27 Nzero 2016

Abagwanyi b’umurwi al-Shabab binjiye kandi bigarurira igisagara ca Al-Adde abasirikare ba Kenya bavuyemwo ejo muri Somalia.

Ababa ngaho babwiye iradiyo y’abongereza BBC ko abarwanyi b’uwo mugwi wa Al-Shabab binjiye mu bisagara vya Al-Adde, Hosingoh na Badhaadhe vyahoramwo abasirikare ba Kenya bagiye kugarukana amahoromu rwego rwa AMISOM.

Mu gisagara ca Hosingoh,amakuru avuga ko abagwanyi ba Al-shabbab baharurwa mu majana binjiye barashikiriza ijambo abahaba, hanyuma baca batora uwuzorongora ako karere.

Umugwi Al-Shabbab wavuze ko wishe abasirikare 100 bava mu gihugu ca Kenya , ariko iyo nkuru yamiriwe kure na Reta ya Kenya,ibicishije ku muvugizi w’igisirikare Col David Obonyo.

Mwomenya ko ivyo bibaye inyuma y’ibitero vyabaye ku birindiro vy’abasirikare ba Kenya bakora mu rwego rwa AMISOM,mu nyuma igisirikare ca Kenya gica gifata ingingo yo gukura abasirikare bayo muri utwo duce.


IGIHE

Messages

  • Ndasavye nshimitse AU irungikeyo abandibasirikare bokwunganira abasanzweyo nacanecane irungike MAPRABU kukobobo baribasanzwe biteguriye kurungikwa Burundi for nothing. Mbemuzi ko uwobwira ubumwe bwa Afrika ngoburungike abasirikare 5,000 muri Somalia konimyaka itanu yobahererako batarabaronka ndazi kwari uburundi na auganda buruhira gutanguza kobagiye gutanga iyomfashanyo? Ariko bavuze kwarabo kurungikwa Burundi mumwaramo bibababonetse.

  • zangabo nibazirungike muri somari pana iburundi amahoro tuyanweshurwato on nabandi barababunva iyo bicika twewapi

  • Ahubwo niboherezeyo abandi barundi 5000. Kuko kenya irwana nka M23 (RDF) nibadataha basashirirayo.

  • Ubumwe bwafrika ngaho rero akazi karabonetse rungika zanteko zanyu muri somaria.twebwe ntazodukeneye.

  • TWEUBURUNDI NIBADUKUREKO AMARURU ZANTEKO UBU ZIRARONSE AHO BAZIRUNGIKA GUKORA MUBURUNDINAMAHORO NINBATARUKO BAMUJERI BABO BABIFUZA TWE ABRUNDI (BENEGIHUGU) MIRONGICENDANICENDA KWIJANA DUFISAMAHORAKWIYE ABAZUNGU NIBATUVEKO UWOVYANSE KWAKORANEZA ASUBRIWABO NBE KO BATINY SOMA?GP NI

  • NONEKOBASHAKAKURUNGIKA.INTEKOZA.ONIMUBURUNDIHARAMAHO.NTIBOZIRUNGIKAMURISOMARI.ERESHABABUYIGARURIYE.IBISAGARA?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.