IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: Bane bapfuye bahitanywe n’igisasu

Somalia: Bane bapfuye bahitanywe n’igisasu

dimanche 20 Kigarama 2015

Abantu bane nibo bapfuye abandi icenda barakomereka mu gitero c’abihevyi baturikije amabombe cabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadiscio kuwa gatandatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2015.

Amakuru ava mu gipolisi no mu bari ngaho habereye ico gitero avuga ko umwe mu bitavye Imana yakora mu nzu y’ubundandarizo iri hafi yaho,kandi n’imodoka zari muri ico kibanza zononekaye.

Ahmed Abdiweli umwe mu bategetsi mu gipolisi yavuze ko humvikanye amasase menshi kw’ibarabara ryitwa Maka Al-Mukarama rigendwamwo n’abantu benshi rija ku kirimba c’umukuru w’igihugu,mu gihe abapolisi bari bahashitse imodoka itezwemwo ibisasu ica iraturika.

Naho atawuriyitirira ico gitero,biravugwa cane ko coba cakozwe n’umurwi w’aba El shabaab bakorana n’umurwi w’iterabwoba wa Al-Qaida kuko aribo bakunze gukora ibitero nkivyo.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.