Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Somaliya yatumiye umuhari wa Al-Shabab mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo muri ico gihugu.
Abdiqani Said Arab atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Somaliya niwe yatowe nk’umunyafrika wa mbere yigenjeje neza mu mupira w’amaguru, mu mwaka uheze wa 2015.
Yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Somaliya ritarwanya Al Shabab kandi ko Al Shabab nayo itarirwanya.
Abdiqani yavuze kandi ko abakunzi ba Al Shabab basanzwe bitaba inkino z’umupira w’amaguru.
Haaa ngira ashaka baze babaturikizeho amabombe nimba ariyakeneye bazaza ntakabuza