IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie: Abashika 30 bahitanywe n’igitero ca Al-Shabab

Somalie: Abashika 30 bahitanywe n’igitero ca Al-Shabab

vendredi 26 Ruheshi 2015

Abantu bashika 30 nibo bapfuye bahitanywe n’igitero c’abarwanyi b’umurwi w’intagondwa z’abaislamu wa Al Shabab ku kirindiro, c’abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,mu bumanuko bw’igihugu ca Somaliya.

Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rwa BBC, igisata c’icongereza,amenyesha ko imodoka itezemwo ibisasu yinjiye mw’ikambi y’i Leego kw’ibarabara rihuza umurwa mukuru Mogadiscio n’igisagara ca Baidowa,ahasanzwe haba abasirikare b’abarundi.

Umuhari Al-Shabab wemeza ko ariwo ugendura iyo kambi,naho ata makuru avyemeza arashobora avyemeza.

Ibicishije ku rubuga rwayo rwa Tweeter,AMISOM iremeza ico gitero,ariko ikavuga ko ata gitigiri kiramenyekana c’ibintu vyononekaye.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.