Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalie: Al-Shabab yakoze igitero ku basirikare ba AMISOM - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie: Al-Shabab yakoze igitero ku basirikare ba AMISOM

Somalie: Al-Shabab yakoze igitero ku basirikare ba AMISOM

mardi 1er Nyakanga 2015

Umugwi w’abarwanyi baba Islam, Al-Shabab, umenyesha ko wakoze igitero ku kirindiro c’abasirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika muri Somalia AMISOM wica benshi.

Umurwi Al-Shabab uvuga ko umwe mu barwanyi bawo yinjije umuduga utezemwo igisasu mu kirindiro ca Janale, ahasanzwe haba abasirikare bo mu rwego rwa AMISOM mu bumanuko bw’igisagara ca Mogadiscio.

Amakuru ava mu murwi Al-Shabab amenyesha ko abandi barwanyi bitwaje inkoho baciye binjira muri ico kirindiro batangura kurasa.

Ababibonye bavuga ko babonye abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bava muri ico kirindiro, ariko iryo shirahamwe ryabihakanye rivuga ko abasirikare baryo aribo bakigenzura ico kirindiro.

Ako karere kamaze kuberamwo ubwicanyi bwinshi kuva aho abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bakoreye ibitero bishasha ku murwi wa Al-Shabab.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.