Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie: Al-Shabab yakoze igitero ku basirikare ba AMISOM
Somalie: Al-Shabab yakoze igitero ku basirikare ba AMISOM
mardi 1er Nyakanga 2015
Umugwi w’abarwanyi baba Islam, Al-Shabab, umenyesha ko wakoze igitero ku kirindiro c’abasirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika muri Somalia AMISOM wica benshi.
Umurwi Al-Shabab uvuga ko umwe mu barwanyi bawo yinjije umuduga utezemwo igisasu mu kirindiro ca Janale, ahasanzwe haba abasirikare bo mu rwego rwa AMISOM mu bumanuko bw’igisagara ca Mogadiscio.
Amakuru ava mu murwi Al-Shabab amenyesha ko abandi barwanyi bitwaje inkoho baciye binjira muri ico kirindiro batangura kurasa.
Ababibonye bavuga ko babonye abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bava muri ico kirindiro, ariko iryo shirahamwe ryabihakanye rivuga ko abasirikare baryo aribo bakigenzura ico kirindiro.
Ako karere kamaze kuberamwo ubwicanyi bwinshi kuva aho abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bakoreye ibitero bishasha ku murwi wa Al-Shabab.
Van Naris Mugisha
Messages
1er Nyakanga 2015, 21:02, par karundi
imana ibakire umugabo apfira kurugamba
1er Nyakanga 2015, 21:34, par Jeremie
Turahojej Imiryango Yabuz Mbe Mwomenya Hari Abarundi Bapfuy?
1er Nyakanga 2015, 21:36, par Jeremie
Turahojej Imiryango Yabuz Mbe Mwomenya Hari Abarundi Bapfuy?
1er Nyakanga 2015, 22:38, par nayi
tubwireneza nikubarundi
2 Nyakanga 2015, 10:23, par Nyandwi léonidas
Imana ibakire mubwami bwayo kandi turahojeje ibihugu n’imiryango yabuze
2 Nyakanga 2015, 11:11, par Bizimana Daddy
Bararabe Neza Abo Ba Islam Ntiboroshe Bazohava Babamara Barabe Maso
2 Nyakanga 2015, 11:47, par leepab
vyabereye ku ngabo z’Abaganda!!!
2 Nyakanga 2015, 21:47, par Schwazenegger
Abaribobose birababaje.
4 Nyakanga 2015, 21:29, par Epitas Ruhekenya
Mbega bo ntibahera? bazotumarira abacu.
18 Nzero 2016, 07:36, par Daniel I goma
Abayobozibicho Gisirikare bagomba guhanwa,ntibyumvikana ukuntu Umwanzi yakwica Abangana gutyo kandi nabo Ariabasirika,bashore Bibere Abacivils.
12 Ruhuhuma 2017, 07:03, par bigirimar
Mamawe
12 Ruhuhuma 2017, 07:14, par bigirimar
Mamawe
4 Ntwarante 2018, 09:31, par ndayishimiye edmond
none ntangabo z uburundi twatakaje?