IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abantu indwi biciwe mu gitero

Somaliya : Abantu indwi biciwe mu gitero

vendredi 26 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bitwaje inkoho bateye mu bunywero buri i Mogadishu, bica abantu indwi. Ico gitero catanguriwe n’iturika ry’ikibombe cari gitezwe mu modoka hanze gato y’ubwo bunywero bwa Beach Club, mu karere ka Lido. Mu nyuma, haciye haba ukurasana bikomeye.

Igipolisi kiviga ko babiri mu bateye biciwe muri ico gitero cabaye ku wa kane ku mugoroba. Uwundi muri abo bateye wa gatatu yakomeretse gato aca arafatwa.

Umugwi wa ki islam wa al Shabab yama ugira ibitero mu giosagara ca Mogadishu no mu tundi turere twa Somalia.

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko mu ntango z’uwu mwaka w’2016, abantu 17 bitavye Imana inyuma y’aho abagwanyi ba Al Shabab batereye mu bundi bunywero mu karere ka Lido nyene.


IGIHE

Messages

  • Reka nihoreze abakomeje kuburababo bahitanwe nivyihebe nkuko natwe hanomuburundi ivyihebe bimaze guhitana ubuzima bwabatari bake.
    None gayemwe ONU ntiyarungitseyo aba polisi yabasirikare?

    Turetse na Somalia Congo abenegihugu ntibirirwabaricwa kandi ONU ifiseyo ibihumbi amajana namajana vyaba polisi nabasirikare?
    Ndongeye kwisabisa ONU nabandibuse bakundamahoro bashigikire inzego zumutekano zuburundi kuko zirashoboye kandi kubazishoboye ntibisigurako uwushaka kwica uwomunzuyiwe canke umubanyi nabandi kwatobikora arabikora ariko ubuhangange bwabajejwe umutekano ntibucabuta agaciro ngonuko umuntu yishe umugenziwiwe canke uwundimuntu wariwewese.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.