Soudani : Abasirikare b’Afrika y’Epfo bahatswe kuzira Omar Al Bashir

Yanditswe na Aristide N
Kuya 17 juin 2015 saa 12:58
Yasomwe : 72180
0 0

Abasirikare ba Afrika y’Epfo bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Sudani, bavuga ko bari bakikujwe n’abasirikare b’ico gihugu, inyuma y’aho Omar Al Bashir, aburijwe gusohoka Afrika y’Epfo.
Abasirikare bagera ku 1400 bo muri Afrika y’Epfo, bavuga ko ko bakikujwe n’abasirikare isinzi, ibirindiro bariko vyose bizungurukwa n’abasirikare bafise inkoho zikomeye. Abasirikare ba Omar Al Bashir bavuga ko umukuru w’igihugu cabo atarekuwe, nabo baca baboha abo basirikare. Ariko rero Omar Al Bashir amaze (...)

Abasirikare ba Afrika y’Epfo bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Sudani, bavuga ko bari bakikujwe n’abasirikare b’ico gihugu, inyuma y’aho Omar Al Bashir, aburijwe gusohoka Afrika y’Epfo.

Abasirikare bagera ku 1400 bo muri Afrika y’Epfo, bavuga ko ko bakikujwe n’abasirikare isinzi, ibirindiro bariko vyose bizungurukwa n’abasirikare bafise inkoho zikomeye. Abasirikare ba Omar Al Bashir bavuga ko umukuru w’igihugu cabo atarekuwe, nabo baca baboha abo basirikare. Ariko rero Omar Al Bashir amaze kurekurwa, agashika ku kibuga c’indege c’i Khartoum, abo basirikare ba Soudani bakaba baciye basubira mu makambi, n’ibirwanish vyabo. Omar Al Bashir akaba yari yabujijwe gusohoka Afrika y’Epfo, inyuma y’aho sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, isavye ko yoca ashikanwa muri iyo sentare, akabazwa ivyaha yagirizwa birimwo ivyo mu ntambara.

Kugeza ubu ubutungane bw’aho muri Afrika y’Epfo, bukaba butegekanya kubaza Reta, icatumye Omar Al Bashir arekurwa agasohoka imbibe, kandi ubutungane bwashaka aje kubazwa ku mabi yose yagirizwa.


Kumenyekanisha

1
vocha 26-06-2015 à 16:46

nivyiza ko abagirizwa ivyaha ni babibazwe nuburundi bakwiye gugira nkuko na nkurunziza akwiye kuja irahe

2
sawa sawa 21-06-2015 à 16:52

Iyo sentare yoyo yarananiwe kumufatira mugihugu ciwe ?kwanza ninde muzungu iracira urubanza ?nukuvuga ko badakora amabi ?nimba bamugomba nibamusange mugihugu ciwe bareke guteranya igihugu nikindi.ikindi naco abanya africa turakwiye gucubwenge nayahandi abazungu baracaturya batwicayeko mwibuke uko bagize kadafi ubu abanyagihugu basigaye bicuza nabandi ba president bo muri africa bagiye bicwa nabazungu

3
AUGUSTIN 18-06-2015 à 06:48

MBEMASABO TUVUZE IVYOMUGIHUGUCUBURUNDI UCUVUGIVYOMURI AFRIKA YEPFO.

4
AUGUSTIN 18-06-2015 à 06:47

MBEMASABO TUVUZE IVYOMUGIHUGUCUBURUNDI UCUVUGIVYOMURI AFRIKA YEPFO.

5
Hitimana Sixte 17-06-2015 à 21:44

None Konzi Abasirikare Bajakugaruramahoro Bama Barikanuye Bafise Nibirwanisho Karuhariwe Bashigikiwe Ningabo Zomubihugu Vyarutura Zikorera Mumazi.Bariguhava Babashobora ?Bagombabatikize Abenegihugu Ba El Beshir.Gusa Sud Afrique Nayoyakozamakosa.

6
79210585 17-06-2015 à 21:43

None Konzi Abasirikare Bajakugaruramahoro Bama Barikanuye Bafise Nibirwanisho Karuhariwe Bashigikiwe Ningabo Zomubihugu Vyarutura Zikorera Mumazi.Bariguhava Babashobora ?Bagombabatikize Abenegihugu Ba El Beshir.Gusa Sud Afrique Nayoyakozamakosa.

7
masabo 17-06-2015 à 17:41

Ko utagiye kumufata Augustin ?? Wari kumufata wewe kugira ntarekurwe

8
Mukizwa HARIMANA 17-06-2015 à 16:46

Président wa Afrika y’epfo yagize neza. Abasoda 1.400 biwe bari muri Soudan bari kwicwa. Ahubwo arakunda abanyagihugu biwe. Iyo aba nkurumbi yamutanga abasoda biwe akabaheba kuko ntakunda abanyagihugu biwe.

9
nahahabandahuri peter 17-06-2015 à 16:39

emwe leta ya africa yakoze nabi ariko guheba abantu biwe naho biragoye hakwaba nka nkurunziza abamarira mwibarabara

10
Augustin 17-06-2015 à 14:53

Bagiz Nabi Kumrkura Atabajijw.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha