IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani : Riek Machar araremvye

Sudani : Riek Machar araremvye

mercredi 24 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu muri Sudani yo mu bumanuko, Riek Machar ari i Khartoum ku murwa mukuru wa Sudani, aho yagiye kwivuza.

Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru wa Sudani, Ahmed Bilal, abibwiye abamenyeshamakuru. Yamenyesheje kandi ko Riek Machar aremvye cane.

Bilal amenyesha ko Riek Machar arwaye mu gikiriza kandi afise n’ingorane z’amaguru zavanye n’uko yagize ingendo ndende agenda n’amaguru mu misi irenga 15.

Amenyesha kandi ko ayo makuru yamenyeshejwe abategetsi b’i Juba ku murwa mukuru wa Sudani yo mu Bumanuko.

VOA ivuga ko Machar yahungiye mw’ishamba inyuma y’aho habereye gutana mu mitwe hagati y’abarwanyi biwe n’abasirikare ba Reta ya Sudani yo mu bumanuko, mu nyuma abona gutorwa n’abasirikare ba MONUSCO muri Kongo aho bamusanze yarakomeretse ukuguru.

Umushikiranganji Bilal amenyesha kandi ko Mashar azoguma avurirwa muri Sudani mu nyuma azoce ahitamwo wenyene ubwiwe igihugu yipfuza kujamwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.