Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani : Umukuru w’igihugu yemeye irungikwa ry’abandi basirikare ba (...)
Sudani : Umukuru w’igihugu yemeye irungikwa ry’abandi basirikare ba ONU
lundi 5 Nyakanga 2016, par
Umukuru w’igihugu ca Sudani y’epfo yahevye aremera abandi basirikare ba ONU barungikwa kugarukana amahoro muri ico gihugu.
Salva Kiir, umukuru w’igihugu ca Sudani yafashe iyo ngingo inyuma y’inama bagiranye n’akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi, nk’uko tubikesha BBC.
Mu ntango, Salva Kiir yari yanse abo basirikare bashika ku bihumbi bine bava mu bihugu vyo mu karere, akaba yari yavuze ko ari ukurenga ku bwigenge bw’ico gihugu ca Sudani y’epfo.
ONU yafashe ingingo yo kwongereza abasirikare bayo bari muri ico gihugu, inyuma y’aho hasubiriye kwaduka intambara hagati y’abasirikare b’umukuru w’igihugu Salva Kiir hamwe n’abashigikiye icegera ciwe Riek Machar, intambara yabaye mu kwezi kw’indwi ku mugwa mukuru wa Juba.
Tubamenyeshe ko abo basirikare umukuru w’igihugu Salva Kiir yemeye biyongera kubari basanzwe muri Sudani y’epfo, bakaba bazoba bafise ububasha busumba ubw’abari bahasanzwe bashika ku bihumbi cumi na bitatu.
IGIHE
Messages
5 Nyakanga 2016, 14:36, par Kamanayo
Ntimureba se abayobozi bashakira amahoro abaturage babo,ureke babicanyi CNDD-FDD birirwa baranigagura abaturage babo gusa,vive le Sud Soudan
5 Nyakanga 2016, 15:36, par .
None igihugu nkiki giciye kigiramwo abasirikare ibihumbi mirongo ibiri batari abigihugu mubona co kwigenga vyukuri!? None umusirikare wigihugu mubona agikenewe? Jewe ndabona abobasirikare mvamakungu batosheje kugucungera umutekano wigihugucose Sundan yepfo yoshaka ikaba irakuyeho abaribasanzwe arabasirikare bigihugu maze abobakavamahanga bakikorera akazi, hanyuma ikazosubira kugira abasirikare bigihugu abobamenyesheje kobiteguye kubavira mugihugu!.