IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani : Umukuru w’igihugu yemeye irungikwa ry’abandi basirikare ba (...)

Sudani : Umukuru w’igihugu yemeye irungikwa ry’abandi basirikare ba ONU

lundi 5 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu ca Sudani y’epfo yahevye aremera abandi basirikare ba ONU barungikwa kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Salva Kiir, umukuru w’igihugu ca Sudani yafashe iyo ngingo inyuma y’inama bagiranye n’akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi, nk’uko tubikesha BBC.

Mu ntango, Salva Kiir yari yanse abo basirikare bashika ku bihumbi bine bava mu bihugu vyo mu karere, akaba yari yavuze ko ari ukurenga ku bwigenge bw’ico gihugu ca Sudani y’epfo.

ONU yafashe ingingo yo kwongereza abasirikare bayo bari muri ico gihugu, inyuma y’aho hasubiriye kwaduka intambara hagati y’abasirikare b’umukuru w’igihugu Salva Kiir hamwe n’abashigikiye icegera ciwe Riek Machar, intambara yabaye mu kwezi kw’indwi ku mugwa mukuru wa Juba.

Tubamenyeshe ko abo basirikare umukuru w’igihugu Salva Kiir yemeye biyongera kubari basanzwe muri Sudani y’epfo, bakaba bazoba bafise ububasha busumba ubw’abari bahasanzwe bashika ku bihumbi cumi na bitatu.


IGIHE

Messages

  • Ntimureba se abayobozi bashakira amahoro abaturage babo,ureke babicanyi CNDD-FDD birirwa baranigagura abaturage babo gusa,vive le Sud Soudan

  • None igihugu nkiki giciye kigiramwo abasirikare ibihumbi mirongo ibiri batari abigihugu mubona co kwigenga vyukuri!? None umusirikare wigihugu mubona agikenewe? Jewe ndabona abobasirikare mvamakungu batosheje kugucungera umutekano wigihugucose Sundan yepfo yoshaka ikaba irakuyeho abaribasanzwe arabasirikare bigihugu maze abobakavamahanga bakikorera akazi, hanyuma ikazosubira kugira abasirikare bigihugu abobamenyesheje kobiteguye kubavira mugihugu!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.