IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’epfo : Abanyamahanga batanguye guhungishwa

Sudani y’epfo : Abanyamahanga batanguye guhungishwa

lundi 11 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Muri Sudani y’epfo haravugwa ukundi gutana mu mitwe gushasha inyuma y’amasaha make inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi isavye ko izo ntureka zohagarara.

Amakuru ava aho muri Sudani y’epfo, agatangwa na BBC, avuga ko habaye ugutana mu mitwe, kandi ko humvikanye urwamo rw’amasasu menshi mu gisagara ca Juba.

Mu minsi mike iheze, abantu baharurwa mu majana baguye mu ngwano hagati y’ingabo zishigikiye umukuru w’igihugu Salva Kiir hamwe n’abasirikare bashigikiye Riek Machar, icegera c’umukuru w’igihugu.
Hari kandi n’ibitero vyakozwe ku banyagihugu, ndetse no ku nyubako zikoreramwo ubuserukizi bwa ONU muri Sudani y’epfo.

Inama ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iragabisha ko ibiriko birakorwa aho muri Sudani y’epfo bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara.

Ibihugu vyinshi bikaba biriko birakura abanyagihugu bavyo muri Sudani y’epfo, n’abakozi b’amashirahamwe mpuzamakungu atabara imbabare bakaba bariko baravanwa muri ico gihugu.

Amakenga ni yose ku banyagihugu, kuko babona ko izo ntureka zishobora kuvamwo intambara yokwira igihugu cose.


IGIHE

Messages

  • EMWE AMAHUNGU NAHAGURUKE NINGOGA ATABARE IVYOBINTU BITARARENGA INKOMBE! ABANYAGIHUGU NIBONGIRIYE AKAGONGWE BAGIYEKUGWA MWIVYOBITERO! MWIHANGANEMWE AMAHUNGU NAHAGURUKE NINGOGA ATABARE IVYOBINTU BITARARENGA INKOMBE! ABANYAGIHUGU NIBONGIRIYE AKAGONGWE BAGIYEKUGWA MWIVYOBITERO! MWIHANGANE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.