Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Sudani y’epfo : Abasirikare amajana baguye mu mishamirano
Yanditswe taliki ya 10-07-2016 - isaha 18:10' na IGIHE

Urugo rwa Riek Machar rwatewe mu gisagara ca Juba, nk’uko vyagenze ku bigo vy’ingabo ziwe biri muri ico gisagara. Biboneka ko Sudani y’epfo yoba yasubiriye mu ntambara.

Nk’uko bivugwa n’inzego zijejwe umutekano, abasirikare bapfuye ku mpande zompi zishamiranye bashobora kuba baharurwa mu majana, kuva aho izo ntambara zadukiye ku munsi wa kane.

Nk’uko tubikesha BBC, umuvugizi wa Reta ya Sudani y’epfo Michael Makuei, amenyesha ko ubu ibintu vyasubiye mu buryo.

Abari Juba bavuga ko ubu urwamo rw’ibirwanisho rusa n’urwacureshe, inyuma y’intambara za kare.

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bumenyesha ko bamwe mu banyagihugu bagiye gusaba ubuhungiro ku kigo c’ubwo buserukizi.

Riek Machar yagarutse mu murwa mukuru Juba kuva mu kwezi kwa kane, asubira ku mwanya wiwe w’icegera c’umukuru w’igihugu, mu nzira yo kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara yashizweko igikumu mu mwaka uheze.

Ingabo z’Ubushinwa zarungitswe kuwa gatanu igihe intambara zaduka mu gisagara ca Juba.

Ivyiyumviro vyanyu

@fulgence babanze babangurukanye abarundi hariko baricwa burimunsi babone kujya muri Sudan yepfo nabasoda bari muri somaliya byabananiye abari muri centre afriqua birigwa bafata abakobwa kungufu none urumva bashoboye iki ? ndagusetse.

13.07.2016 à 00:25
turaje

Nibarungikeyo Ingabo z’uburundi zije kubanguranya kuko zirashoboye.

11.07.2016 à 06:38
Fulgence

Jewendakomeza gushimira abasirikare buburundi kuko kuvabacanganijwe abasi bimpandezose bakomeje kubimpunzi furiza gusekurana ariko baravyase mugomere basirikare bacu mwarize muratahura Ko atanitunzi busumba kubananeza. None nkabobasirikare majana namajana ba Sudan yepfo bapfuye kubwokubwra basekiranye baciye bunguka iki ?
Canke niyombare wacu uabogerageje mubona yungutse iki ? Canke Kagame yaramudugije ipete ?
Harakaramba amasirikare buburundi na Gen Maj Noyongabo nanyenicumahiro our Here prsident peters Nlirunziza.

11.07.2016 à 01:56
k

EMWE SUD SUDAN NTAHITANDUKANIYE NUBWOBURUNDI BWACU !

10.07.2016 à 21:26
SENATOR

EMWE SUD SUDAN NTAHITANDUKANIYE NUBWOBURUNDI BWACU !

10.07.2016 à 21:25
SENATOR

EMW NAMW MURAHANZW ! IHANUR MUREK KUGUMA MUGWANA IYO NINDAMUPFA NTAKINDI ! GEZAHO !

10.07.2016 à 20:23
MUYAHUDI

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.